Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yakobo 4:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Yamara none mwirata ukwihayagiza kwanyu: ukwirata kwose ben’ ukwo ni kubi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Ariko murishima mukishira hejuru. Ukwishima kwanyu ni kubi.

Gade chapit la Kopi




Yakobo 4:16
11 Referans Kwoze  

Ntukarāte ivy’ ejo, Kuk’ utazi ivyo umusi uzovyara.


Kwirata kwanyu si kwiza. Ntimuzi yuk’ umwambiro muke wambira irobe ryose?


Bati Rāba, uyu ni we atāhinduye Imana igihome kimukīngira, Ariko yizigira ibihinda vy’ ivyo atunze, Akiha inkomezi mu bubi bgiwe.


Nk’ukw ibicu n’umuyaga bitarimw’ imvura bimeze, Ni k’umuntu ameze yishemagiza ngw aratanga kand’ ar’ ukubesha.


Nk’uko yihimbaza, akīgirira ibihinda, abe ari ko mumuha kubabazwa agashinyaguro no kuboroga. Kuko yibgira mu mutima, ngo Mvyagiye nd’umwamikazi, sind’ umupfakazi, sinzobona amaborogo n’akazirukanyo:


Ariko namba mugira ishari ry’inkazi mu mitima yanyu, mugakunda kwirema ibice, mwoye kwirata, mubesha, mucumura ku kuri.


Kuko widibamiye mu bubi bgawe ata co wicura, ukavuga, uti Nta wumbona; ubgenge bgawe n’ukumenya kwawe ni vyo bikujimije; wīyāga mu mutima, uti Ni jewe ndiho, nta wundi atari jewe.


Wa muhizi we, n’iki gitumye wirata inzigo? Imbabazi z’Imana zihorah’ ibihe vyose.


Kukw ikiri mw isi cose ar’ ivyifuzo vy’umubiri, n’ivyifuzo vy’amaso, n’ubgibone bg’ubu bugingo, bitanduruka kuri Data wa twese, ariko vyanduruka mw isi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite