Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yakobo 4:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Umve rero, yemwe abavuga ng’ Uyu musi cank’ ejo tuzoja mu gisagara c’i naka, tuzomaray’ umwaka, tudandaze, turonke inyungu:

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Umvirize, mwebwe muvuga muti: “Uyu musi canke ejo tuzoja mu gisagara kanaka, tuzomarayo umwaka, tudandaze twironkere inyungu.”

Gade chapit la Kopi




Yakobo 4:13
11 Referans Kwoze  

Ntukarāte ivy’ ejo, Kuk’ utazi ivyo umusi uzovyara.


Nibgiye mu mutima wanje, nt’ Enda nkugeragereshe ibinezereza; nuko rer’ uhimbarwe n’ivyiza: kandi rāba n’ivyo na vyo vyabaye ivy’ ubusa.


Igihe kirashitse, umusi uri hafi: umuguzi areke kunezerwa, n’ūguzweko areke kuganya; kuk’ uburake bushitse ku masinzi yabo yose.


Maz’ ibizoba ku bantu buntu bizoba no ku muherezi; ibizoba ku mushumba bizoba no kuri shebuja; ibizoba ku mukobga w’umuja bizoba no kuri inabuja; ibizoba ku muguzi bizoba no k’ūshōra; ibizoba k’ūtiza bizoba no k’ūtira; ibizoba k’uwaka inyungu bizoba no k’uwakwa inyungu.


Enda rero, yemwe batunzi, ni murire muboroge kuko mugira mufutane.


kand’ abarira bamere nk’abatarira, n’abanezerewe bamere nk’abatanezerewe, n’abagura bamere nk’abatagira ico bafise,


None rero reka mbereke ivyo ngira ngirire uruzabibu rwanje: ngira nkūreh’ ururombero rwarwo, maze rwonwe ruvumburwe; kandi nsambure uruzitiro rwarwo, rucibge iyondoyondo;


Nuko ngo tumanuke tuyoberanye ururimi rwabo, boye kwumvikana mu kuvuga kwabo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite