Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yakobo 4:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Bene Data, ntimuvuganane nabi. Ūvuga nabi mwene Se, cank’ ūhinyurira mwene Se ku mutima, aba avuze nabi ivyagezwe, ni vyo aba ahinyuye. Arikw iy’ uhinyura ivyagezwe, ntuba uvyitondera, uba ubaye umucamanza wavyo.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Bene Data nkunda, ntimuvuge abandi nabi. Iyo mutanguye kuvugana nabi canke mugaciranira imanza, muba muvuze nabi ivyagezwe n’Imana, kandi muba mubiciriye urubanza. Igihe muciriye urubanza ivyagezwe, aho kuvyumvira, muba mubaye abacamanza bavyo.

Gade chapit la Kopi




Yakobo 4:11
24 Referans Kwoze  

Nuko rero mwiyambure inzigo yose n’ubugunge bgose n’uburyarya n’ishari no kuvuga abandi nabi kwose,


Ni co gituma utagira ico wireguza, wewe muntu wese uhinyura uwundi. K’uhinyura uwundi, uba witsindishije; kuko wewe umuhinyura ukora bimwe n’ivy’ akora.


Ntimwidodomberanire, bene Data, kugira ngo ntimucirwekw iteka: eh’ Umucamanza ahagaze ku rugi.


Kandi ntimugahinyurire mu mitima yanyu, namwe mukazohinyurwa; kandi ntimugatsindishe, namwe mukazotsindishwa; mubohore, namwe muzobohorwa; mutange, namwe muzohabga;


Ni co gituma mudakwiye guca urubanza rw’ikintu na kimwe igihe carwo kitarashika, ni co kuza kw’Umwami wacu, azomurika ivyari vyanyegejwe mu mwiza, kand’ azogaragaza inama zo mu mitima: ni ho umuntu wese azohabga n’Imana ishimwe rimukwiye.


Sakirimikibi ntazokomezwa mu gihugu: Ibibi bizohama umuntu w’ ikirara kugira ngo bimuhenebereze.


Umururazi wose no kujingitwa n’uburake no gutongana no gutukana bibavemwo, hamwe n’inzigo yose.


Kuko binteye akōba yuko, aho nzozira, kumbure nzosanga mumeze uko ntagomba, nanje muzosanga mmeze uko mutagomba; kandi yuko kumbure hazoba imitongano, n’ishari, n’uburake, n’ikēba, n’ukuvuga abandi nabi, n’insaku, n’ukwihimbariza ubusa, n’imivurungano;


badakunda n’ababo, banka kwuzura, barementanya, batigarura, inkazi, badakunda ivyiza,


N’abagore nyene babe inyankamugayo, batarementaniriza abandi, batarenza urugero, bizigirwa muri vyose.


Nuko tuvuge iki? Mbeg’ ivyagezwe n’icaha? Eka na mba. Ariko simba naramenye icaha, iyo ntakimenyeshwa n’ivyagezwe; kuko ntaba naramenye ukwifuza, iy’ ivyagezwe bitavuga ngo Ntukifuze.


kukw abumvise ivyagezwe atari bo bagororoka imbere y’Imana, abāvyumviye ni bo bazotsindanishirizwa.


Ariko, uwitegereza ivyagezwe bitunganye rwose, ari vyo vy’umwidegemvyo, akabishishikara, atar’ uwumva akavyibagira, arikw ar’ ūbikora, ni we azohabga umugisha mu vy’ akora.


N’abatāmakazi nyene, ubabgire bagende nk’uko bibereye abera, batarementaniriza abandi, batanohorwa imitima na vino nyinshi, bigisha ivyiza,


Ntimuzimire, bene Data nkunda.


Ivyo murabizi, bene Data nkunda. Yamar’ umuntu wese ni yihutire kwumva, atebe kuvuga, atebe kuraka:


Mugabo namba mushitsa icagezwe c’i bgami nk’uko canditswe, ngo Mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda, muba mugize neza.


Nuko bene Data, mwihangane mushitse ah’ Umwami Yesu azozira. Eh’ umurimyi arorēra imirima myiza, ayirīndīra yihanganye, gushitsa ah’ izoronkera imvura y’agatāsi n’iy’ urushana.


Abāvugishijwe mw izina ry’Umwami Imana bababere icitegererezo bene Data, co kubabazwa no kwihangana.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite