10 Mwicishe bugufi imbere y’Umwami Imana, na yo izobashira hejuru.
10 Mwicishe bugufi imbere y’Umwami, na we azobashira hejuru.
Uhoraho aramira abaciye bugufi: Acisha abanyakibi bugufi, akabashitsa hasi.
Ūzokwishira hejuru azocishwa bugufi, kand’ ūzokwicisha bugufi azoshirwa hejuru.
Nuko mwicishe bugufi muri musi y’ukuboko kw’Imana kw’ubushobozi, kugira ngw iz’ ibashire hejuru mu gihe gikwiye.
Kuk’ umuntu wese yishira hejuru azocishwa bugufi, kand’ uwicisha bugufi azoshirwa hejuru.
Ni bagutsinda hasi uzovuga, uti Har’ ikimvyutsa; Kand’ uwicisha bugufi Imana izomukiza.
Akūra umugorwa mu mukungugu, Ashira hejuru umukene, amukūye mu mwavu;
Yirukanye abaganza ku ntebe zabo, Yashize hejuru abafafara.
Ndababgire, Uwo muntu yamanutse aja i we, atsindanishirijwe kuruta wa wundi; kuk’ uwishira hejuru wese azocishwa bugufi, arik’ uwicisha bugufi azoshirwa hejuru.
N’ubu, umutwe wanje uzoshirwa hejuru y’abansi banje bankikije; Nanje nzotangira ibimazi vy’ umunezero mw ihema ryiwe, Nzoririmba, ego cane nzoririmbira Uhoraho amatazirano.
Uhoraho ndaguhimbaza kuko wankūye hasi, Ntukunde kw abansi banje banyitamba hejuru.
Azozigama ibirenge vy’abagororotsi biwe, Arikw abanyavyaha bazohonera mu muzimagiza, Kukw inkomezi z’umuntu atari zo zimuha kunesha.
Kiza abantu bawe, uhe ishamvu yawe umugisha: Kand’ ubaragire, wame ubaramira ibihe bidashira.
Mose na Aroni baja kwa Farawo, baramubgira, bat’ Uku ni k’ Uhoraho, Imana y’Abaheburayo, agize, ng’ Uzogeza ryari kwanka kwicisha bugufi imbere yiwe? Ngo Reka abantu biwe, bagende bamusabe.
Uhoraho ni we amukenesha kandi ni we amukenura, Ni we amucisha bugufi kandi ni we amushira hejuru.
maz’ abantu banje bītirirwa izina ryanje ni bicisha bugufi bagasenga barondera mu nyonga hanje, bagahindukira bakareka ingeso zabo mbi, nuko nanje nzokwumva ndi mw ijuru, mparire ivyaha vyabo, nkize n’ igihugu cabo.
Ni yo ishira hejuru abaciye bugufi, N’abari mu mubabaro ibashira mu mahoro.
Ubgibone bg’umuntu buzomusubiza hasi, Arik’ uw’ umutima uciye bugufi azoronka icubahiro.
uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Kūra umugāra, wiyambure igitsibo; ntibizosubira kumera nk’ uko vyari bisanzwe. Icāri hasi kizoshirwa hejuru, kand’ icāri hejuru kizosubizwa hasi.