Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yakobo 4:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Muri mwebge intambara ziva hehe, n’imitongano iva hehe? Mbega ntibiva mu bibahimbara birwanira mu ngingo zanyu?

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Mbega ni iki gitera intambara n’imitongano muri mwebwe? Mbega ntibiva mu vyipfuzo vyanyu bibi bigwanira muri mwebwe?

Gade chapit la Kopi




Yakobo 4:1
24 Referans Kwoze  

Abo nkunda, ndabinginga, ko mur’ inyambukīra n’ingenzi mwirinde ivyifuzo vy’umubiri birwanya ubugingo;


Kukw akameremere kifuza ivyo Mpwemu yanka, kandi Mpwemu yifuza ivy’ akameremere kanka: kukw ivyo bihiganwa, ngo ntimukore ivyo mugomba.


ariko mbona ikindi kingera kiri mu mubiri wanje kirwanya ikingera co mu mutima wanje, kikamfatira mpiri kuganzwa n’ikingera kiri mu mubiri wanje, ikingera c’icaha.


Kuko kwitwaririka ivy’ umubiri gutera kwanka Imana, kuko kutumvira ivyagezwe n’Imana, kandi kudashobora kuvyumvira.


Arik’ umuntu wese ageragezwa, iy’ akwezwe n’ivyo yifuza bikamusuka.


Umutima uribesha kuruta ibindi vyose, urwaye indwara itavūrwa: ni nde yowumenya?


Mumere nk’abana bagamburuka, ntimwishushanye n’ukwifuza kwanyu kwa kera kwo mu gihe c’ukutamenya kwanyu.


Nuko mwice ingingo zanyu ziri mw isi, ubushakanyi, ibihumanya, ukwifuza kw’umubiri, ukwifuza kubi kwose, no kwifuza ivy’ abandi, ni kwo gusenga ibigirwamana;


irya mbere mukwiye kumenya n’uko mu misi y’iherezo hazoza abacokoranyi bacokorana, bakurikira ukwifuza kwabo,


murasaba ntimuhabge, kuko musaba nabi, kugira ngo muvyononere mu bibahimbara.


Bavuga ibitumbaganyemw’ ibitagira ico bimaze, basukasuka abariko baridohora mu bagenda bazimiye, babasukasukisha ukwifuza kw’umubiri n’isoni nke.


Kuko natwe nyene kera twar’ ibipfu, tur’ intabarirwa, tuzimizwa, tujakariye ukwifuza n’ukwinezereza vy’uburyo bginshi, twama tugira urwanko n’igono, tur’ abo kwankwa natwe twankana.


Ariko, impāri z’ubupfu no kuzirora ivy’ akaronda n’imitongano no guhārīra ivyo mu vyagezwe, wame ubizibukīra, kuko bitagira ikimazi kand’ ar’ ivy’ ubusa.


Tukiganzwa n’akameremere kacu, ukwifuza kw’ivyaha kw’uburyo bginshi kwazanywe n’ivyagezwe kwakorera mu mibiri yacu, kugira ngo twamire urupfu imbuto.


Kuko mu mutima havamw’ ivyiyumviro bibi: ubgicanyi, ubusambanyi, ubushakanyi, ubgivyi, kwagiriza abandi ibinyoma, ibitutsi.


Mwebge mur’ aba so wa Murwanizi, kand’ ivyo so yifuza ni vyo mushaka gukora. Uwo yahereye ubga mbere na mbere ar’umwicanyi, kandi ntiyahagaze mu kuri, kukw ata kuri kuri muri we. Iy’ avuga ibinyoma, avuga ivyiwe, kukw ar’ umunyabinyoma, kand’ ari we se wavyo.


Arikw ibihāri vy’ubupfu n’ivy’ ubutungu ntukavyemere, uzi yuko bivyara intonganya.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite