Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yakobo 3:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Urwo ni rwo dushimisha Umwami Data wa twese, kandi ni rwo tuvumisha abantu, bāremwe mw ishusho y’Imana:

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Mu gihe kimwe usanga ururimi ari rwo duhimbarisha Umwami Imana Data wa twese, mu kindi gihe akaba ari rwo tuvumisha abantu, baremwe mw’ishusho y’Imana.

Gade chapit la Kopi




Yakobo 3:9
34 Referans Kwoze  

Akanwa kiwe kuzuye imivumo n’ubugunge n’akadenderezo; Musi y’ururimi rwiwe har’ ukugira nabi n’ukugabitanya.


Nta kindi gituma baja inama, atar’ ukugira ngo bamutemvye ngw ave mu bukuru bgiwe; Bahimbarwa n’ibinyoma: Bahezagirisha akanwa, ariko bavumanisha imitima. Sela.


Amagambo yo mu minwa yabo ni yo gicumuro c’ akanwa kabo, Ubgibone bgabo bubafate nk’ umutego, Bo n’imivumo n’ibinyoma bavuga.


Ūzovisha amaraso y’ umuntu, n’ayiwe azovishwa n’abandi: kuk’ umuntu namuremye mw ishusho yanje, jewe Imana.


Ni co gituma umutima wanje uhimbarwa, ururimi rwanje rukanezerwa, Kandi n’umubiri wanje uzoba nko mu gikāri, wizigiye ibizoba.


Ariko Abishayi umwana wa Seruwiya aravuga, ati None Shimeyi ntakwiye gupfa, ko yatutse uwo Uhoraho yimikishije amavuta?


Iki n’igitabo kidōndōra uruvyaro rwa Adamu. Ku musi Imana yaremeyek’ umuntu, mw ishusho yayo ni ho yamuremye;


Umugabo ntakwiye kwitwikira mu mutwe, kukw ar’ ishusho y’Imana n’ubgiza bgayo: arik’ umugore n’ubgiza bg’umugabo.


Akanwa kabo kuzuye ukuvuma no kujingitwa,


Bun’ atangura kurahira arīsiba, at’ Uyo muntu sindanamuzi. Uwo mwanya inkoko irabika;


Ariko jeho ndababgire: Mukunde abansi banyu, musabire ababahama,


Umwami Imana aravuga, at’ Aba bantu ko bahora baza hafi yanje, bazanye akanwa kabo gusa, bakanyubahisha iminwa yabo, arikw imitima yabo bakayishira kure yanje, n’ukunyubaha kwabo kukaba ar’ icagezwe bigishijwe n’abantu.


kuko kenshi na kenshi uzi mu mutima wawe nawe nyene ko watutse abandi.


Mana, umutima wanje urahamye, Ndaririmba, mbere ndaririmbisha ishimwe ubgiza bganje.


Kand’ ururimi rwanje ruzovuga ukugororoka kwawe burinde bgīra: Kukw abarondera kungirira nabi bishwe n’isoni batēterewe.


Uko ni ko nzoguhimbaza, nkiriho: Nzotarika amaboko mw izina ryawe.


Ewe bgiza bganje, ni wikangure; kembe n’inanga ni mwikangure: Nanje ubganje nzokwikangura ntange umutwenzi.


Unkize umwenda w’amaraso y’umuntu, Mana, we Mana y’agakiza kanje; Ni ho ururimi rwanje ruzorenza ijwi ruririmba ukugororoka kwawe.


Nanje ururimi rwanje ruzovuga ivy’ ukugororoka kwawe, Ruzovuga ishimwe ryawe umusi wīre.


Nzokwama mpimbaza Uhoraho ibihe vyose, Ishimwe ryiwe rizoba mu kanwa kanje urudaca.


Kugira ng’umushaha wanje ukuririmbire ishimwe ntucereze. Uhoraho, Mana yanje, nzogushima ibihe bidashira.


Ni co gituma umutima wanje uhimbarwa, ubgiza bganje bukanezerwa, Kandi n’umubiri wanje uzoba ahatagira inkomanzi.


Dawidi araheza abarira iryo koraniro ryose, at’ Enda ni muhimbaze Uhoraho Imana yanyu. Nukw ikoraniro ryose bahimbaza Uhoraho Imana ya ba sekuruza, bunamika amaso, bakubita inkoro hasi imbere y’Uhoraho n’imbere y’umwami.


Ni co catumye Dawidi ashimira Uhoraho imbere y’ikoraniro ryose, akavuga, at’ Ewe Uhoraho, Mana ya sogokuruza wacu Isirayeli, ur’ uwo guhimbazwa ibihe bitazoshira.


Maz’ umwami Dawidi ashitse i Bahurimu, hasokoroka umuntu wo mu muryango wa Sauli yitwa Shimeyi mwene Gera, agenda aramutuka inzira yose.


Bukeye baja mu ndimiro, bimbura inzabibu zabo, barazigana, bagira umusi mukuru, binjira mu ngoro y’ikigirwamana cabo, bararya baranywa, bavuma Abimeleki.


Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, ari yo Se, iragahezagirwa, yaduhezagiriye imihezagiro yose y’impwemu ahantu ho mw ijuru muri Kristo:


Akanwa kanje kazovuga ishimwe ry’Uhoraho; Abafise imibiri bose ni bashemagize izina ryiwe ryera ibihe bitazoshira.


Mana yanje, Mwami wanje, ndagushira hejuru; Nzoshemagiza izina ryawe ibihe bitazoshira.


Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, ari yo Se, iragahezagirwa, yatuvyaye ubga kabiri nk’ukw imbabazi zayo nyinshi ziri, kugira ngo tugire ivyizigiro bizima, ituvyaza ukuzuka mu bapfuye kwa Yesu Kristo,


Idini itunganye itagira agasembga imbere y’Imana Data wa twese, n’ukurāba impfuvyi n’abapfakazi mu marushwa yabo, no kwirinda ngo ntiwanduzwe n’ivy’ isi.


mu kanwa kamwe havamw’ umuhezagiro n’umuvumo. Bene Data, ivyo ntibikwiye kumera birtyo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite