Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yakobo 3:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 ariko, ururimi nta muntu yoshobora kurugunda: n’ububi bucambagirana, rwuzuye ubumara bgica.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 ariko nta muntu ashobora kuganza neza ururimi rwiwe. Ni ikibi kitaruhuka, cuzuye ubumara bwica.

Gade chapit la Kopi




Yakobo 3:8
13 Referans Kwoze  

Imihogo yabo n’imva zirangāye, Bāhendahendanishije indimi zabo; Ubumara bg’inzoka buri mu binyigishi vyabo.


Basongoye indimi zabo nk’ inzoka; Ubumara bg’imvuvyi buri mu binyigishi vyabo. Sela.


Ururimi n’umuriro, n’ikibi kingana n’isi: ururimi rwashizwe mu ngingo zacu, ruhumanya umubiri wose, rudomeka ukubaho kwacu kwose, na rwo ruba rwadometswe na Gehinomu.


Akanwa kiwe kanyerera nk’ amavuta, Arik’ umutima wiwe warimw’ intambara gusa; Amagambo yiwe yaremba kurusha amavuta ya elayo, Ariko yar’ inkota zisokowe.


Ubugingo bganje buri hagati y’intambge: Ndyama hagati y’abaka umuriro, Ni bo bana b’abantu, amenyo yabo n’amacumu n’imyampi; Ururimi rwabo n’inkota ikarishe.


Ehe badudubiza amagambo mabi mu kanwa kabo, Inkota ziri mu minwa yabo: Kuko bibgira, bati Ni nde avyumva?


Ubumara bgabo bumeze nk’ ubg’ inzoka: Bameze nk’imamba itumva, yiziba amatwi,


Inzoka iy’ ikomoye itaragotwa, uwari kuyigota nta co aba akimaze.


Vino yabo ni nk’ubumara bg’ inzoka, Mbere ni nk’ubumara bgica bg’imvuvyi.


Ca gisato c’amahēro kirakororwa, ni co ya nzoka ya mbere, yitwa Murwanizi, irindi ni Satani, ni co kizimiza abari kw isi bose, gikororerwa kw isi, abamarayika baco bakororanwa na co.


Ūfise umutima udadika nta ciza abona, Kand’ ūfise ururimi rudambikanya agwa mu vyago.


Kukw amoko yose y’ibikōko n’ibiguruka n’ivyikwega n’ivyo mu kiyaga bigundwa n’abantu, kandi bārabigunze;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite