Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yakobo 3:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Kandi rāba, n’amāto naho yoba maninimanini ate, agakubebga n’umuyaga uhuhuta cane, ingafe nah’ ari nto‐nto cane ni zo ziyerekeza, ah’ abayatumbereza bagomba.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Canke reka dufate akarorero ku bwato. Naho bwoba bunini gute kandi bukubebwa n’imiyaga ikomeye, ingafe ntoya ni yo ibutumbereza iyo uwubuyobora ashaka.

Gade chapit la Kopi




Yakobo 3:4
8 Referans Kwoze  

Haza igihuhuta gikomeye mu kiyaga, bituma ubgato buzimirira mu mipfunda: ariko we yar’ asinziriye.


Maz’ Uhoraho asuka umuyaga ukomeye mu kiyaga; haba igihuhuta c’inkomezi mu kiyaga, ubgato bushaka kumeneka.


Vyose nabihawe na Data, kandi nta wuzi Umwana, atari Data, na Data, nta wumuzi, atar’ Umwana, n’uwo Umwana agomba kumuhishurira.


Ariko, umugabisha w’abasoda yumvira ūtumbereza ubgato na nyene bgo kurusha ivyo Paulo avuze.


Iyo tujiginyitse amafarasi mu kanwa kayo, kugira ngw adukundire, duhindukiza n’imibiri yayo yose.


N’ururimi ni ko ruri: n’urugingo rutoya, rukirarira ibikomeye. Rāba ishamba, naho ryoba rinini rite, ridomekwa n’akariro gake.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite