Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yakobo 3:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Kukw ah’ ishari riri, bo no kwirema ibice, ari ho umuvurungano uri, n’igikorwa kibi cose.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Kuko aho ishari n’ukwikunda vyiganziye, ni naho hari umuvurungano n’ibikorwa bibi vyose.

Gade chapit la Kopi




Yakobo 3:16
11 Referans Kwoze  

Ariko namba mugira ishari ry’inkazi mu mitima yanyu, mugakunda kwirema ibice, mwoye kwirata, mubesha, mucumura ku kuri.


kuko mukiganzwa n’ivy’ akameremere kanyu. Ko muri mwebge har’ ishari n’ugutongana, ntimuganzwa na vyo? Ntimugenda nk’abantu?


kukw Imana atar’ iy’ umuvurungano, ariko n’iy’ amahoro. Nk’uko bimeze mu mashengero yose y’abera,


ntiduse na Kayini, yar’ uwa wa Mubi, akica murumuna we. Kand’ icatumye amwica n’iki? N’ukw ibikorwa vyiwe vyari bibi, ivya murumuna we bikaba vyiza.


gusenga ibigirwamana, uburozi, ubgansi, intonganya, ishari, uburake, ikēba, kwitandukanya, ibice,


Ni co catumye izina ryaco citwa Babeli; kukw ari h’Uhoraho yayoberanirije ururimi rw’abo mw isi yose; kand’ ari h’Uhoraho yabasābagirije mw isi yose.


Maz’ igisagara cose kiravurungana, bashwabadukira icarimwe baja ku kibuga c’ibirori, bashika Gayo na Arisitariko Abanyamakedoniya, bāgendana na Paulo.


Ariko ku bakēbana ntibumvire ivy’ ukuri, ariko bakumvira ukugabitanya, hazoba uburake no guhambarirwa


Kuko binteye akōba yuko, aho nzozira, kumbure nzosanga mumeze uko ntagomba, nanje muzosanga mmeze uko mutagomba; kandi yuko kumbure hazoba imitongano, n’ishari, n’uburake, n’ikēba, n’ukuvuga abandi nabi, n’insaku, n’ukwihimbariza ubusa, n’imivurungano;


Onani amenya yuk’ umwana atazoba uwiwe; nukw iy’ aryamanye n’umugorabo, akarekurira hasi intanga, kugira ngo ntahonore mwene nyina.


Inzu ni yitandukanya ubgayo, iyo nzu ntizoshobora kurama.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite