Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yakobo 3:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Ni nde muri mwebge w’umunyabgenge kandi w’umuhanga? Ni yerekanishe ibikorwa vyiwe ingeso nziza mu bugwaneza bufatanije n’ubgenge.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Muri mwebwe ni nde ari umunyabwenge kandi atahura? Navyerekane mu ngeso nziza ziwe, no mu bikorwa vyiwe birangwa no guca bugufi kuva ku bwenge bw’ukuri.

Gade chapit la Kopi




Yakobo 3:13
46 Referans Kwoze  

ubugwaneza, ukwirinda: ibimeze birtyo nta vyagezwe bibibuza.


Arik’ ubgenge buva mw ijuru, irya mbere buratunganye, kandi n’ubg’ amahoro, burengenga, bukunda kugīrwa inama, bguzuye imbabazi n’imbuto nziza, ntibukekeranya, ntibugira uburyarya.


Hahirwa abatekereza, kukw ari bo bazoragwa isi.


Nuko rero, nk’uko bibereye abātoranijwe n’Imana bera bakundwa na yo, mwambare umutima w’ikigongwe, n’ineza, n’ukwicisha bugufi, n’ugutekereza, n’ukwihangana,


mugire ingeso nziza mu mahanga, kugira ngo, no ku vyo babavuga nabi nk’inkozi z’ibibi, ibikorwa vyanyu vyiza babona bize bitume bahimbaza Imana ku musi ibagendeye.


no kutagira uwo bambika ibara, no kutitoraguza, no kwengenga, berekana ubugwaneza bgose ku bantu bose.


no guhanūrisha ubugwaneza abamuhāririza, ngo kumbure, bishobotse, Imana ibahe kwihana ngo bamenye ivy’ ukuri,


Ariko kimwe gusa, ingeso zanyu zimere nk’uko bibereye ubutumwa bgiza bga Kristo, kugira ngo nje kubagendera canke ntaje, numve ivyanyu ko muhagaze mushikamye mufise impwemu imwe, muhuje umutima mu kurwanira ukwizera ubutumwa bgiza,


Ariko weho, muntu w’Imana, wame uhunga ivyo, arik’ ukurikire ukugororoka, n’ukwubaha Imana, n’ukwizera, n’urukundo, n’ukwihangana, n’ubugwaneza,


Nk’umuntu yovuga, ati Weho ufise ukwizera, jeho mfise ibikorwa: nyereka ukwizera kwawe kutagira ibikorwa, nanje ndakwereka ukwizera kwanje guserurwa n’ibikorwa vyanje.


Ariko mweho mur’ ubgoko bgātoranijwe, mukoranije kuba abami n’abaherezi, mur’ ihanga ryera, abantu bāshiriweho kuba inyegu yiharije, kugira ngo mukwize ishimwe ry’Iyabahamagaye, ikabakūra mu mwiza, ikabashitsa mu muco wayo utangaje:


Nuko rero, mwiyambure imyanda yose n’ububi busigaye, mwākīrane ubugwaneza ijambo ritewe muri mwebge, rishobora gukiza ubugingo bganyu.


Ni nde ameze nk’umunyabgenge? Ni nde azi ukw ikintu gisobanurwa? Ubgenge bg’umuntu buzana umuco mu maso hiwe, bukahakūra iminkanyari.


Ūgira ubgenge wese azoshira umutima kur’ ivyo, Kandi bazokwitegereza imbabazi z’Uhoraho.


Ntihakagire ūkugayira ubusore, arik’ ubere abizera icitegererezo mu vy’uvuga, no mu ngeso zawe, no mu rukundo, no mu kwizera, no ku mutima utanduye.


Jewe Paulo ubganje ndabinginga kubg’ ubugwaneza n’ineza vya Kristo, jewe umuntu aciye bugufi muri mwebge imbere yanyu, arikw iyo tutari kumwe ndabubahuka;


mwikoreze ingata yanje, munyigireko; kuko nd’ umugwaneza, niyoroheje mu mutima; namwe muzoronka uburuhukiro bg’imitima yanyu.


Bene Data, muri mwebge ntihakabe benshi barondera kuba abigisha: murazi ko tuzocirwa urubanza ruruta iz’ abandi.


mwiyoroheje rwose, mufise ubugwaneza, mwihangana, mubabariranira muri mu rukundo,


Arik’ umuntu wese asuzume igikorwa ciwe, ni ho azobona ico yirata ku mutumba wiwe bgite, atari kubga mugenzi we.


Bene Data, umuntu n’iyo yobonekakw icaha, mwebge ab’ impwemu mutunganye ūmeze artyo, mumuhanūrishe umutima w’ubugwaneza; kandi wiyubare ubgawe, nawe nyene woye kwoshwa nabi.


Nuko mubereke ivyerekana urukundo rwanyu mu maso y’amashengero, kandi yuko twari dufise inyanduruko yo kwirata mwebge.


ni yo ikūranya imyanya n’ibihe; ni yo ikūra abami ikimika abandi; ni yo iha abanyabgenge ubgenge, n’abakerebutse ikabaha kumenya;


ngo Mubgire umukobga w’i Siyoni, Muti Rāba, Umwami wawe aje kuri wewe, Ar’ umutekerezi, agendera ku ndogoba, Mbere ni ku mukangara, inyana y’indogoba.


Murondere Uhoraho, yemwe bagwaneza mwese bo kw isi, bashitsa amabgirizwa yiwe: murondere ubugororotsi, bo n’ukwicisha bugufi; kumbure muzokinjishwa ku musi w’uburake bg’ Uhoraho.


Ni nde munyabgenge yotahura ivyo? Kandi ni nde yabibariwe n’akanwa kanje, jewe Uhoraho, kugira ngw avyamamaze? N’iki gitumye igihugu cononekara kigasha uburimbi nk’ubugaragwa, ntihabe hakigira ūhaca?


Mpwemu w’Umwami Uhoraho ari kuri jewe, kuk’ Uhoraho yandobanuje amavuta ngo mbgire abaciye bugufi ubutumwa bgiza; yantumye gutubika imitima imenetse, no kumenyesha abarindwa ko barekuwe, n’imbohe ko zugururiwe;


Kuk’ Uhoraho ahimbarwa n’ abantu biwe: Azoshariza abaciye bugufi abambike agakiza.


Maz’ ibgira abantu, Iti Rāba kwubaha Uhoraho ni bgo bgenge, Kandi kuva mu vyaha ni kwo gutahura.


Kand’ uwo mugabo Mose yar’ umugwaneza kurusha abantu bose bo mw isi.


ariko kube ukw’ umuntu ahishijwe wo mu mutima, ugushaza kudashira, ni kwo mutima w’ubugwaneza utekereje, ni kwo kw’ igiciro kinini imbere y’Imana.


Mbivugiye kubatētereza. Mbega vyoshoboka yuko muri mwebge hatagira umunyabgenge n’umwe yoshobora gucira urubanza bene Se?


Uwumva ayo majambo yanje wese, akayakora, asa n’umuntu w’ubgenge yubatse inzu yiwe ku rutare.


Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Umunyabgenge yoye kwirata ubgenge bgiwe, cank’ umunyenkomezi ngo yirate inkomezi ziwe, cank’ umutunzi ngo yirate ubutunzi bgiwe;


Isinzi ry’ingamiya rizogutwikira, inyana z’ingamiya z’i Midiyani n’izo muri Efa. Abaturutse i Sheba bose bazoza, bazoba bazanye izahabu n’imibavu, bavuge inkuru nziza z’ishimwe ry’Uhoraho.


Umuntu wese yitondera icagezwe ntazogira ikibi abona; kand’ umutima w’umunyabgenge utahura ko hazoba igihe n’imanza:


Ugendane icubahiro, ugendera kw ifarasi, utsinde, Urwanire ukuri n’ubugwaneza no kugororoka. Ukuboko kwawe kw’i buryo kukwigishe ibitera ubgoba.


Abīcisha bugufi azobarōngōra mu vy’ukugororoka, Abīcisha bugufi azobarangira inzira yiwe.


Gukunda amahera ntikube mu ngeso zanyu; ivyo mufise bibabumbe; kuk’ ubgayo yavuze, iti Nta ho nzoguhemukira, nta ho nzoguta.


Kand’ abaciye bugufi na bo bazogwiza umunezero banezererwa Uhoraho, n’abakene bo mu bantu bazohimbarwa n’Uwera w’Abisirayeli.


Ariko nk’ukw Iyabahamagaye ar’ iyera, namwe abe ari ko muba abera mu ngeso zanyu zose.


Kubga bene Data na bagenzi banje Ndavuga, nt’ Amahoro abe muri wewe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite