7 Si bo barogota kw izina ryiza mwitirirwa?
7 Mbega si bo bacokora rya zina ryiza mwitirirwa?
naho nabanje kumurogotako no kumuhīga no kumwambika ibara. Ariko naragiriwe ikigongwe kuko nabikoze ntabizi ntarizera;
amubonye, amujana muri Antiyokiya. Bamaray’ umwaka wose, bakorana n’ishengero, bigisha abantu benshi, kandi muri Antiyokiya ni ho abigishwa bātanguriye kwitwa Abakristo.
Yarungikiye abantu biwe ugucungurwa, Yageze isezerano ryiwe kuba iry’ ibihe bidashira; Izina ryiwe n’iryera kandi n’iry’ igitinyiro.
Kandi ku mpuzu ziwe no ku kibero, afise izina ryanditsweko, ng’ UMWAMI W’ABAMI, ŪGANZA ABAGANZA.
Yambaye impuzu zājobetswe mu maraso, kandi yitwa Jambo w’Imana.
uwo imiryango yose yo mw ijuru n’iyo mw isi yītirirwa,
No mu masinagogi yose nābahana kenshi, nkagerageza cane kubatukisha Yesu; kandi kuko nasazwa cane mbazira, narabatuza no gushitsa mu bisagara vy’abanyamahanga.
Kandi nta wundi agakiza kabonerwamwo, kukw ata rindi zina musi y’ijuru ryāhawe abantu dukwiye gukirizwamwo.
Arikw Abafarisayo bavyumvise baravuga, bat’ Uyu ntashobozwa n’ikindi gusenda abadayimoni, atari Beyezebuli, umukuru w’abadayimoni.
ngo Rāba, inkumi izotwara inda, ivyare umwana w’umuhungu, Bazomwita Imanuweli; risobanurwa ngw Imana iri kumwe natwe.
Mu gihe ciwe Abayuda bazokizwa, Abisirayeli bibere amahoro: kand’ iri ni ryo zina azokwitwa, ng’ Uhoraho ni we kugororoka kwacu.
Kand’ izina ryanyu muzorisigarana abo nitoranirije, barigire umuvumo, bat’ Urakicwa n’Uhoraho Imana! Maz’ abasavyi banje bazokwitwa irindi zina.
Ni co gitumye Uhoraho ubgiwe ari we agira abīhēre ikimenyamenya: Rāba, inkumi izosama inda, ivyare umwana w’umuhungu, izomwita Imanuweli.
Amavuta yawe aratāmirana cane, Izina ryawe rimeze nk’amavuta asutswe; Ni co gituma inkumi zigukunda.
baramubgira, bati Mugenzi, twibutse yuko wa muhumvyi akiriho yagize ngw imisi itatu ishize azozuka.
n’umuntu wese yitirirwa izina ryanje, uwo naremeye icubahiro canje: naramubumvye, mbere naramuremye.
Kugira ngw amasigarira y’abantu baronderane Uhoraho N’amahanga yose yitirirwa izina ryanje,
Ariko ni hāgira ūhōrwa kuba Umukristo, yoye kumāramāra, arikw aheshe Imana icubahiro kubg’ iryo zina.