Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yakobo 2:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Ariko mweho mwatētereje umworo. Non’ abatunzi si bo babatwaza amanyama, bakaba ari bo babakwega babajana mu manza?

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Ariko mwebwe mutetereza umukene! Mbega si abatunzi babacuranguza bongera babashengeza mu bucamanza?

Gade chapit la Kopi




Yakobo 2:6
38 Referans Kwoze  

Ūcokora umworo aba agaye Umuremyi wiwe, Kand’ ūnezerezwa n’ivyago vy’ uwundi ntazobura guhanwa.


Mbega yemwe: ntimufise ingo zo kurīramwo no kunyweramwo? Canke mukēngēra ishengero ry’Imana, mugatētereza abadafise? Ndababgire iki? Ndabashime? Kur’ ivyo simbashima.


Ūnyikije umugorwa aba agaye Umuremyi wiwe, Arik’ ūgirira ikigongwe agakene, uwo we aba amwubashe.


Imigabo y’umugorwa murayitētereza, Arik’ Uhoraho n’ubuhungiro bgiwe.


Eh’ ingero z’abashwabuzi bābashwaburiye imirima, izo mwabagunze, zirataka: amaborogo y’abābashwaburiye yinjiye mu matwi y’Uhoraho Nyen’ ingabo.


namwe mukitegereza uwambaye impuzu zishajije, mukamubarira, muti Ni wicare hano heza; kandi mukabarira nya mworo, muti Weho hagarara hariya, cank’ icara hambavu y’ibirenge vyanje;


Bababuze, bakwegera Yasona na bene Data bamwe imbere y’abaganza igisagara, barasemerera, bat’ Abāteye isi yose umugūmūko bashitse n’ino,


Arikw Abayuda bosha abagore b’icubahiro bubaha Imana, n’abakuru bo mur’ ico gisagara, bavyurira akadenderezo Paulo na Barunaba, babirukana mu ntāra yabo.


Ariko Sauli yatikiza ishengero; yinjira mu mazu yose, agakūramw’ abagabo n’abagore, akabashira mw ibohero.


Kandi mureke kurya abapfakazi n’impfuvyi n’ingenzi na ba nyarucari; ntihagire n’umwe muri mwebge yīgīra imigabo mu mutima wiwe yo kugirira nabi mugenzi we.


Nuko rero, ko mwasiribanze umurushwa, mukamutoza utugano twiwe; amazu mwiyubakishirije amabuye abajwe, ntimuzoyabamwo; imirima myiza y’imizabibu mwateye, ntimuzonywa vino zayo.


Ni wabona umworo ahahazwa, kand’ urubanza n’ibiroranye vyicwa ku manyama mu gihugu, ntibize bigutangaze: kukw Iyirusha abakuru ubukuru ivyitegereza, kandi har’ ubukuru bubarengeye.


Ūnyikiza umugorwa aba amugwirije, Kand’ ūgabira umutunzi, aba amukehereje.


Kubgo kunyagwa kw’umugorwa, kubgo kwitsa umutima kw’umukene, Ubu nyene ndahaguruka, ni k’Uhoraho agize, Ndashira uwo bakanira ahatagira inkomanzi.


Warabibonye, kuk’ urāba ukugira nabi n’inzigo, kugira ng’ ubishire mu kuboko kwawe; Umurushwa yegamira wewe wenyene; Ni wewe mutabazi w’impfuvyi.


Umugororotsi mwamuciriyekw iteka, muramwica, ntiyabarwanya.


Maze Galiyo abaye icēgēra ca Kayisari muri Akaya, Abayuda bahūza inama bakūrira hasi Paulo, bamujana imbere y’intebe y’imanza,


Wasogotesheje umugabisha w’ ingabo ziwe ibimīto vyawe; Baje kudushwiragiza bameze nk’agashururu; Umengo vyarabahimbara kuyongobeza umugorwa mu mpisho.


Ni mwumve iri jambo, yemwe mwa mahogazi y’i Bashani, muba ku musozi Samariya, yemwe abahahaza abagorwa, mukavungavunga abakene, mukabarira abanega banyu, muti Ni muzane tunywe!


Yarakēngērwa, agahurwa n’abantu; yar’ umunyamibabaro, yar’ azi intimba ic’ ari co; yakēngērwa nk’umuntu abandi bahisha mu maso habo, natwe nta co twamwibajijeko.


Abunda, amase hasi, Abahizi biwe batūra hasi umurushwa.


Yicara mu bibundo vyo mu mihana, Mu biryamo ni ho yicira abatagira igicumuro: Amaso yiwe ayatatisha umurushwa.


Ubgibone bg’umunyakibi butuma akinagiza umugorwa; N’agwe mu mutego w’imigabo yīgīriye.


Kuko yahahaje aboro, akabīrengagiza; Yinjiye urugo atubatse.


Yesu arabishura, ati Jewe sindimwo dayimoni, ariko nubaha Data, namwe ntimunyubaha.


Umworo akoma ibōbo, Arik’ umutunzi we yishurana ubugabo.


Umutunzi atwaza aboro amanyama, Kand’ uwariye umwenda aba umushumba w’uwo yawuririye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite