Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yakobo 2:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 maz’ umwe muri mwebge akamubgira, ati Genda amahoro, ususuruke, uhāge; ariko ntimumuhe ivy’ umubiri ukena, vyomara iki?

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Hamwe umwe wo muri mwebwe yomubwira ati: “Niwigire amahoro, wambare neza kandi ufungure,” ariko ntagire ico akora kuri ubwo bukene bw’uwo muntu, yoba amufashije iki?

Gade chapit la Kopi




Yakobo 2:16
11 Referans Kwoze  

Urukundo rwanyu rwoye kuba uruheyiheyi. Mwanke ibibi, mumatane n’ivyiza;


Simbivugiye kubagera, ariko mbivugiye kugeza urukundo rwanyu kw ar’urw’ ukuri, ndarugeragereshe umwete w’abandi.


Yesu ahamagara abigishwa biwe, at’ Ishengero rinteye akagongwe, kuk’ uyu ar’ umusi ugira gatatu turi kumwe, none ntibagira ico barya. Ariko singomba kubasezera bashonje, ntibagwīre isari mu nzira.


Nari nshonje, murangaburira, nari mfise inyota, mumpa ico nnywa; nar’ ingenzi, mumpa indāro;


nagenda gusa, muranyambika; nari ndwaye, muza kurāba uko mmeze; nari mw ibohero, muza kundāba.


Yesu aramubgira, ati Mwana wanje, ukwizera kwawe kuragukijije, genda amahoro, ukire rwose icago cawe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite