Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yakobo 2:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Uwavuze, ati Ntugasambane, ni we yavuze, ati Ntukice. Nuko rero n’utasambana arik’ ukica, uzoba ucumuye ku vyagezwe.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Kuko Imana yavuze ngo: “Ntugasambane” ni na yo yavuze ngo: “Ntukice.” Rero naho utosambana ariko ukica, uzoba warenze ku vyagezwe.

Gade chapit la Kopi




Yakobo 2:11
11 Referans Kwoze  

Kukw ibi, ngo Ntugasambane, ntukice, ntukibe, ntukifuze, n’ikindi cagezwe cose, bipoperanirijwe mur’ iri jambo, ng’ Ukunde mugenzawe nk’uko wikunda.


K’uzi ivyagezwe, ngo Ntugasambane, ntukice, ntukibe, ntukāgirize abandi ibinyoma, wubahe so na nyoko.


K’uzi ivyagezwe, ngo Ntukice, ntugasambane, ntukibe, ntukāgirize abandi ibinyoma, ntukagunge, wubahe so na nyoko.


Aramubaza, ati N’ibihe? Yesu aramwishura, ati Ntukice, ntugasambane, ntukibe, ntukāgirize abandi ibinyoma,


Kand’ ikoraniro ryose ry’ Abisirayeli ni ryaramuka ricumuye, ritabigize ibigirankana, ntibabimenye, bakoze mu vyo jewe Uhoraho nabuzanije, bakikwegera gutsindwa n’urubanza;


Umukuru ni yakora icaha, akagira ico akora mu vyo jewe Uhoraho Imana yiwe nabuzanije vyose, atabigize ibigirankana, akikwegera gutsindwa n’urubanza;


ati Barira Abisirayeli, uti Ni hagira umuntu akora icaha atabigize ibigirankana mu vyo jewe Uhoraho nabuzanije, hakagira ico akora muri vyo;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite