Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yakobo 2:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Kuk’ umuntu wese azokwitondera ivyagezwe vyose, agatsitara kuri kimwe, azoba acumuye kuri vyose.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Kuko uwitondera ivyagezwe vyose ariko agatsitara kuri kimwe acirirwa urubanza nk’uwabicumuyeko vyose.

Gade chapit la Kopi




Yakobo 2:10
8 Referans Kwoze  

Abishimira ibikorwa vy’ivyagezwe bose bari n’umuvumo: kuko handitswe ngw Azoba avumwe umuntu wese adashishikarira ivyanditswe vyose mu gitabo c’ivyagezwe, ngw avyitondere.


Abalewi bat’ Azoba avumwe, ūdashitsa amajambo y’ibi vyagezwe ngw ayitondere. Abantu bose bitabirize, bati Amen.


Kandi ndabarira umuntu wese akebga, mbishingiye intahe, yukw ari n’umwenda wo kwitondera ivyagezwe vyose.


Kuko twese dutsitara muri vyinshi. Umuntu wese adatsitara mu vy’avuga, aba ar’ umuntu atunganye rwose, ashobora no kuganza umubiri wiwe wose.


Ni co gituma, bene Data, mukwiye kurushiriza kugira umwete wo gukomeza ihamagarwa ryanyu, bo n’ugutoranywa. Ni mwakora ivyo, ntimuzotsitara na gatoya.


Ariko, Īshobora kubazigama ngo ntimutsitare, no kubahagarika imbere y’ubgiza bgayo mudafise agasembga munezerewe cane,


baracinjira barakiganza; yamara banka kukwumvira, no kugendera mu vyagezwe vyawe; ntibakora na kimwe mu vyo wabageze vyose gukora: ico ni co catumye ubatēza ivyo vyago vyose.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite