Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yakobo 1:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Ariko, mwene Data w’umufafara ni yirate kw ashizwe hejuru,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Abizera kandi bakenye barafise ico bakwiye kwishimira, kuko Imana yabashize hejuru.

Gade chapit la Kopi




Yakobo 1:9
25 Referans Kwoze  

Umworo agendera mu gutungana kwiwe Aruta uw’ iminwa idambikanya kandi w’igipfu.


tuboneka nk’abababara, ariko tunezerwa imisi yose; tuboneka nk’aboro, ariko dutungisha benshi; tuboneka nk’abatagira ico batunze, yamara dutunze vyose.


ngo Ndazi amarushwa yawe n’ubgoro bgawe (yamar’ ur’ umutunzi), n’ibitutsi vy’abiyita Abayuda, atari bo, arikw ar’ isinagogi ya Satani.


Yirukanye abaganza ku ntebe zabo, Yashize hejuru abafafara.


Ūcokora umworo aba agaye Umuremyi wiwe, Kand’ ūnezerezwa n’ivyago vy’ uwundi ntazobura guhanwa.


N’ukuri abafafara ni nk’impwemu zihumetswe, kand’ abahambaye n’ibinyoma gusa: Ni bashirwa ku munzane, bazoteruka gusa; Bose hamwe bahwahutse kurusha impwemu zihumetswe.


Kukw abakene ata ho bazobura kubaho mu gihugu; ni co gitumye mbabarira, nti Ntimuze mubure kuramvurira ukuboko umukene w’ umworo wo mu b’i wanyu muri mu gihugu canyu.


Muze mwirinde, mu mitima yanyu ntihaze haze iciyumviro kibi, ngo muvuge muti Wa mwaka ugira indwi wo guheberanira uri hafi; bigatuma mwirengagiza kubg’ uwo mukene w’i wanyu, mukanka kugira ico mumuha; na we akazohava atakambira Uhoraho abarega, mukagībgako n’icaha.


Muri mwebge ni hagira ahazoba umukene mu b’i wanyu, mu gisagara canyu cose co mu gihugu Uhoraho Imana yanyu agiye kubaha, ntimuze mugire imitima yiyumanganya uwo mukene w’i wanyu, canke ngo mupfunye amaboko ku co mumuha;


mbandaniriza gushika aho dutanguranirwa, ku mpēra y’umuhamagaro w’Imana muri Kristo Yesu wo kuja mw ijuru.


Kuko tweho tur’ abākebge, dusenga Imana mu buryo bga Mpwemu, tukirata Kristo Yesu, ntitwishimire ivy’ umubiri;


Ariko ko tur’ abana bayo, tur’ abaragwa; tur’ abaragwa b’Imana, tur’ abaraganwa na Kristo, namba tubabazanywa na we, ngo tubone guhānwa ubgiza na we.


Ariko ntimunezerezwe n’ukw izo mpwemu zibumvira, yamara munezerezwe n’ukw amazina yanyu yanditswe mw ijuru.


arababgira, at’ Ūzokwākīra aka kana mw izina ryanje, azoba anyakiriye; kand’ ūnyakīra aba yākiriye uwantumye: kuk’ umuto muri mwebge hanyuma ya mwese ari we mukuru.


Ni we akūra umugorwa mu mukungugu, Agashira hejuru umukene, amukūye mu mwavu, Kugira ngw abicarikane n’ abahambaye, Baragwe intebe z’icubahiro: Kukw inkingi z’isi ar’ iz’ Uhoraho, Kandi ni zo yayiteretseko.


Ariko mweho mur’ ubgoko bgātoranijwe, mukoranije kuba abami n’abaherezi, mur’ ihanga ryera, abantu bāshiriweho kuba inyegu yiharije, kugira ngo mukwize ishimwe ry’Iyabahamagaye, ikabakūra mu mwiza, ikabashitsa mu muco wayo utangaje:


Kand’ abaciye bugufi na bo bazogwiza umunezero banezererwa Uhoraho, n’abakene bo mu bantu bazohimbarwa n’Uwera w’Abisirayeli.


Kuk’ umuntu wese yishira hejuru azocishwa bugufi, kand’ uwicisha bugufi azoshirwa hejuru.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite