Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yakobo 1:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Arikw asabe yizeye, ata co akekeranya, kuk’ ūkekeranya ameze nk’umupfunda wo mu kiyaga, utwarwa n’umuyaga, usimbaguritswa.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Ariko igihe asaba, abe yizeye adakekeranya, kuko umuntu akekeranya ameze nk’umupfunda wo mu kiyaga, uhuhwa kandi uzungagizwa n’umuyaga.

Gade chapit la Kopi




Yakobo 1:6
14 Referans Kwoze  

kand’ ūtizera ntibishoboka kw ayihimbara; kuk’ uwēgēra Imana akwiye kwizera yukw iriho, igaha impēra abayirondera.


kugira ngo dushire ubgana, ntituzungazungishwe n’imipfunda, ngo tujanwe irya n’ino n’imiyaga yose y’inyigisho n’amangetengete y’abantu, n’ubugunge bgabo, n’uburyo bginshi bgo kutuzimiza.


Tugumye ukwatura ivyizigiro vyacu ntikunyiganyige, kuk’ uwasezeranye ar’ uwo kwizerwa,


Ntimutwarwe n’inyigisho z’uburyo bginshi zādutse; kukw iciza ar’ uk’ umutima ushikamizwa n’ubuntu bg’Imana, ntushikamizwe n’ivyo kurya, kukw abishize muri vyo bitābagiriye ikimazi.


Nuko ndagomba kw abagabo basenga hose, batarika amaboko yera, bataratse, batagira ibihāri.


Abo n’amasōko akamye, kandi n’ibipfungu bikubebga n’igihuhuta, barindirijwe umwiza w’umuzitanya.


Nk’ukw amazi asūriranya, ni ko nawe umeze, nuko ntukibaye akarenzo, Kuko wūriye uburiri bga so, Ukabuhumanya: mbere yūriye aja mu buryamo bganje!


Petero aramwishura, ati Mushingantahe, asangwa ari wewe, mbarira nze ah’ uri ku mazi.


None va hasi, wururuke ujane na bo ata co ukekeranya, kukw ari jewe mbatumye.


Uyo muntu yoye kwiyumvira kw ari n’ic’ azohabga n’Umwami Imana,


Kand’ ugusenga gufatanije n’ukwizera kuzokiza umurwayi, Umwami azomuvyura: kand’ asanzwe yarakoze ivyaha azobiharirwa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite