Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yakobo 1:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Arikw asangwa har’ uwo muri mwebge akennye ubgenge, n’abusabe Imana, igabira bose ata kinūbge, idaterana imirarwe, azobuhabga.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Nihaba hariho uwo muri mwebwe akeneye ubwenge bw’Imana, akwiye kubusaba Imana, kuko itanga cane kandi ibikunze. Nta we itera imiragwe kuko ayisavye, kandi azobuhabwa.

Gade chapit la Kopi




Yakobo 1:5
31 Referans Kwoze  

Ni mwaguma muri jewe, amajambo yanje akaguma muri mwebge, musabe ico mugomba cose, kizobabera kuno.


None rero ndagusavye umpe ubgenge no gutahura, kugira ngo mmenye iyo bija n’iyo biva mur’ aba bantu. None ni nde yoshobora gucira imanza iri hanga ryawe, n’ukuntu ar’ irihambaye?


Arik’ ubgenge buva mw ijuru, irya mbere buratunganye, kandi n’ubg’ amahoro, burengenga, bukunda kugīrwa inama, bguzuye imbabazi n’imbuto nziza, ntibukekeranya, ntibugira uburyarya.


Kand’ ico muzosaba cose mw izina ryanje nzogikora, kugira ngo Se ashimagizwe mu Mwana.


kand’ ico dusaba cose tugihabga na yo, kuko twitondera ivyagezwe vyayo, tugakora ibishimwa imbere yayo.


kandi ndamwujuje impwemu yanje, kugira ngw agire ubgenge no gutahura no kumenya n’ubuhinga bg’uburyo bgose,


Mwaturanire ivyaha vyanyu, musengeranire, kugira ngo mukire indwara. Ugusaba kw’umugororotsi kugira ikimazi kuri vyinshi mu gikorwa cakwo.


Kandi rāba, ndamushizeko Oholiyabu mwene Ahisamaki, wo mu muryango wa Dani; kandi mu mitima y’abantu bose b’ abahinga ndayishizemw’ ubgenge, ngo bakore ivyo nakubariye vyose, ni vy’ibi:


Yesu aramwishura, at’ Iy’ uba war’ uzi ingabire y’Imana, ukamenya n’ūgusavye ngo Mpa utwo kunywa uw’ ari we, nawe uba umusavye, na we akaguha amazi y’ubugingo.


Uhoraho aguhe ubgenge n’ugutahura, kugira ngo ni yagushikiriza Abisirayeli uz’ ubone kwitondera ivyagezwe vyiwe, Uhoraho Imana yawe.


Gutanga kwose kwiza, n’ingabire yose itunganye rwose biva mw ijuru, vyururuka biva kuri Se w’imico, adashobora guhinduka canke kugira igitūtu gitewe n’uguhindagurika.


Bun’ atangura guhambarira ibisagara yakoreyemw’ ibikomeye vyinshi, kuko batihannye.


Kur’ abo tur’ agacūku k’urupfu kazana urupfu, kuri ba bandi tur’ ubumote bg’ubugingo buzana ubugingo. Kand’ ivyo ni nde abishobora?


Hanyuma yiyereka bamwe cumi n’umwe, bicaye bariko bararya, abagaya ukutizera kwabo no gukomantara kw’imitima yabo, kuko batemereye abāmubonye, amaze kuzuka.


Rāba, ugomba ukuri hirya mu mutima, Mu bgigobeko bgawo uzommenyesha ubgenge.


Nkunda abankunda, Kand’ abandondera ubudahumeka bazombona.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite