Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yakobo 1:25 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Ariko, uwitegereza ivyagezwe bitunganye rwose, ari vyo vy’umwidegemvyo, akabishishikara, atar’ uwumva akavyibagira, arikw ar’ ūbikora, ni we azohabga umugisha mu vy’ akora.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

25 Ariko uwusuzuma neza ivyagezwe bitunganye kandi bitanga umwidegemvyo, hanyuma agashishikara kubikora, ntiyibagire ivyo yumvise, ariko akabishira mu ngiro, uwo ni we azohabwa umugisha mu vyo akora.

Gade chapit la Kopi




Yakobo 1:25
41 Referans Kwoze  

Na we aramwishura, ati Cane‐cane hahirwa abumva ijambo ry’Imana bakaribungabunga.


Ni mwamenya ivyo, muzoba muhiriwe ni mwabikora.


ngo mube nk’abidegemvya, arikw atar’ ukugira umwidegemvyo wanyu igitwikirizo c’inzigo, ariko mube nk’abagurano b’Imana.


Muvuge kandi mukore nk’abagira bacirwe urubanza n’ivyagezwe bizana umwidegemvyo.


Kristo yatugobotoye ngo tube mu mwidegemvyo: nuko muhagarare mushikamye, ntimukongere kuzīngīrwa n’ugutwazwa ituntu n’ubuja.


Nuko bene Data nkunda, mukomere ntimunyiganyige, murushirize imisi yose gukora ibikorwa vy’Umwami wacu, kuko muzi yuk’ ubutame bganyu atar’ ubg’ ubusa mu Mwami.


Wirinde ubgawe no ku vyo wigisha. Wame ushishikara ivyo, kuko ni wagira urtyo uzokwikizanya n’abakwumva.


Ba ari mwebge mwisuzuma, mumenye yuko muhagaze mu kwizera; ba ari mwebge mwirāba. Mbega ntimwiyizi, ntimuzi yuko Yesu Kristo ari muri mwebge? — shiti kumbure mur’ abāhinyuwe!


Rāba rer’ ukugira neza kw’Imana, n’ubuhambazi bgayo: ku bāguye n’ubuhambazi, ariko kuri wewe n’ukugira neza kw’Imana, ni waguma mur’ ukwo kugira neza kwayo: kuko n’utagira urtyo, nawe uzohanyurwa.


Imburabgenge yemera ijambo ryose, Arik’ umunyamakenga agenda agavye.


Kuko mutāhawe impwemu y’ubuja ngo mwongere gutinya; ariko mwāhawe impwemu yo kubahindura abana b’Imana, idutakisha ngo Abba, Data.


kand’ ari co coshimishije abīgira bene Data bānyegetejwe mw ishengero, binjiye mu mpisho ngo batate ukwidegemvya kwacu dufise muri Kristo Yesu, kugira ngo badushire mu buja.


Umwana ni yabaha kwidegemvya, muzoba abidegemvya nyakuri.


Hahirwa abitondera ibitunganye, Hahirwa uwama akora ivyo kugororoka na ntaryo.


Numva ijwi rivuye mw ijuru rimbgira, rit’ Andika, ut’ Uhereye none hahirwa abapfa bapfira mu Mwami. Kandi Mpwemu aravuga, at’ Ego me, ngo baruhuke ubutame bgabo, kukw ibikorwa vyabo bijana na bo bibakurikiye.


Yamar’ azokizwa kubg’ ukuvyara, ni bashishikara kwizera no kugira urukundo no kwezwa, bifatanye no kudahugumba.


None rer’ ivyagezwe n’ivyera, kand’ ibgirizwa n’iryera, rigororotse, ryiza.


None nabonye gutabarwa kwavuye ku Mana, ndacahagaze kugeza n’ubu, nshingira intahe aboroshe n’abahambaye, nta kindi mvuga atar’ ivy’ abāvugishwa n’Imana na Mose bāvuze ko bizoba,


Abāri mw isinagogi bamaze gusābagira, benshi mu Bayuda bo n’abātoye idini yabo bakubaha Imana, bakurikira Paulo na Barunaba; na bo bayāga na bo, barabahanūra ngo bashishikare kuguma mu buntu bg’Imana.


mwizigame, ntihagire umuntu adashikīra ubuntu bg’Imana, kandi ntihagire umuzi wo kurura umera, ukabahagarika imitima, abenshi bakāndura,


Bashishikara cane mu vyo intumwa zigisha, no kugira ubumwe, no kumanyagura umutsima no gusenga.


Dusubire ku vyagezwe no kuri vya Bishinga intahe! Ni batāvuga ibihwanye na vyo bazoba mu bgirantibuce.


Kandi nzogendana umwidegemvyo, Kuko nama ndondera amateka washinze.


Nzogenda niruka mu nzira y’amabgirizwa yawe Ah’ uzokwagurira umutima wanje.


Mugabo, ni mwubaha Uhoraho, mukamusaba, mukamwumvira, ntimugararize ngo muce mu vyagezwe vyiwe, kandi mwe n’umwami wanyu abaganza, ni mwagendanira Uhoraho Imana yanyu, bizoba vyiza.


Hahirwa abamesura imvune zabo, kugira ngo babone kwēgēra ca giti c’ubugingo, kandi bace mu birimba bashike kuri wa murwa.


Mweho ico mwumvise uhereye mbere na mbere kigume muri mwebge. Ico mwumvise uhereye mbere na mbere ni caguma muri mwebge, namwe muzoguma mu Mwana no muri Se.


asangwa muhora mwizeye, mushinzwe neza mutanyiganyiga, mudatirimuka mu vyizigiro biheshwa n’ubutumwa mwumvise, bgavuzwe mu bāremwe bose bo musi y’ijuru, ubgo jewe Paulo nacikiye umukozi wabgo.


kukw abumvise ivyagezwe atari bo bagororoka imbere y’Imana, abāvyumviye ni bo bazotsindanishirizwa.


Kukw ikingera ca Mpwemu w’ubugingo bgo muri Kristo Yesu cancunguye ngo singanzwe n’icangera c’icaha n’ic’ urupfu.


Mwākīrane imitwaro, mushikane murtyo ivyagezwe na Kristo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite