Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yakobo 1:21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Nuko rero, mwiyambure imyanda yose n’ububi busigaye, mwākīrane ubugwaneza ijambo ritewe muri mwebge, rishobora gukiza ubugingo bganyu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

21 Nuko rero, mwitandukanye cane n’ibintu vyose bishobora kubanduza, hamwe n’ikibi cose, mwemere muciye bugufi ijambo ritewe muri mwebwe, rifise ubushobozi bwo kubarokora.

Gade chapit la Kopi




Yakobo 1:21
37 Referans Kwoze  

kubabgira ku vy’ingeso zanyu za kera ngo mwiyambure wa muntu wa kera, abozwa n’ukwifuza kw’uruhendo;


Muri we namwe mumaze kwumva ijambo ry’ukuri, ni ryo butumwa bgiza bg’agakiza kanyu, mumaze no kumwizera, ni ho mwashiriwekw ikimenyetso, ni co Mpwemu Yera yasezeranywe,


Abo nkunda, ndabinginga, ko mur’ inyambukīra n’ingenzi mwirinde ivyifuzo vy’umubiri birwanya ubugingo;


Impwemu ni zo zitera ubugingo, umubiri nta co umaze: amajambo mbabgiye n’impwemu n’ubugingo.


Abīcisha bugufi azobarōngōra mu vy’ukugororoka, Abīcisha bugufi azobarangira inzira yiwe.


Nuko rero mwiyambure inzigo yose n’ubugunge bgose n’uburyarya n’ishari no kuvuga abandi nabi kwose,


Nuko natwe, ko dukikijwe n’igipfungu c’ivyabona kingana girtyo, twiyambure ibituremēra vyose, n’icaha gikunda kutwizingirako vuba, dusiganirwe ivyo twashizwe imbere twihanganye,


Mwiyegereze Imana, na yo izobēgēra. Yemwe banyavyaha, ni mukarabe: yemwe ab’ imitima ibiri, ni mwiyeze imitima.


Kuk’ ubuntu bg’Imana bgaserutse, buzanira abantu bose agakiza,


Kuk’ ubutumwa bgiza butantera isoni, ar’ ubushobozi bg’Imana, buzanira uwizera wese agakiza, uhereye ku Muyuda ukageza ku Mugiriki.


Kuko natwe twabgiwe ubutumwa bgiza nka bo, ariko, ijambo bumvise ntiryābagiriye ikimazi, kuko ritāvanzwe n’ukwizera mu mitima y’abāryumvise.


tweho tuzokwikiza dute, ni twanjanjwa ku gakiza kangana gartyo? Kabanje kuvugwa n’Umwami wacu, kagakomezwa kuri twebge n’abakumvise,


kandi mugakizwa na bgo, asangwa mukibufashe nk’uko nabubabgiye, shiti mwoba mwizereye ubusa.


Arikw Imana ishimwe yuko naho mwar’ abagurano b’icaha, mwumviye mu mitima uburyo bgo kwigishwa mwahawe:


Kand’ abaciye bugufi na bo bazogwiza umunezero banezererwa Uhoraho, n’abakene bo mu bantu bazohimbarwa n’Uwera w’Abisirayeli.


Simoni Petero aramwishura, ati Tuje kwa nde ga Mugenzi? Kw ari wewe ufise amajambo y’ubugingo budashira,


Natwe igituma dushima Imana ubudasība, n’uko hamwe mwākīra ijambo ry’ubutumwa mwatwumvanye, ni ryo ry’Imana, mutāryemeye nk’ijambo ry’abantu, ariko nk’ijambo ry’Imana, nk’uko riri koko, rikorera muri mwebge abizera.


Nuko bakundwa, ko dufise ivyo vyasezeranywe, twiyuhagire ubuhumane bgose bg’umubiri n’ubg’ umutima, kuba abera tugushikishe kwubaha Imana.


Kandi muzotitura ifeza yometse ku bishushanyo vyanyu vy’ibibāzano, n’izahabu yometse ku bishushanyo vyanyu vyavugutiwe mu nkero; muzobishibura rwose nk’ikintu gihumanye, mubibarire, muti Vaho, mugende!


Kur’ uwo musi umuntu azoshibura ibigirwamana vyiwe vy’ifeza, n’ibigirwamana vyiwe vy’izahabu, ivyo bamucuriye ngw abisenge, abishiburire amafuku n’ubuhungarema;


Bagabo bene Data, bana bo mu muryango wa Aburahamu, namwe abubaha Imana, ijambo ry’ako gakiza ni twebge ryatumweko.


Mpwemu w’Umwami Uhoraho ari kuri jewe, kuk’ Uhoraho yandobanuje amavuta ngo mbgire abaciye bugufi ubutumwa bgiza; yantumye gutubika imitima imenetse, no kumenyesha abarindwa ko barekuwe, n’imbohe ko zugururiwe;


mugahabga ikizanwa n’ukwizera kwanyu, ni co gakiza k’ubugingo bganyu.


Ariko namb’ amashami amwe yarahanyuwe, nawe ur’ ikija ca elayo watewe nk’ingurukizi hagati mu mashami, usangira na yo ubukame bg’igishitsi ca elayo bgite,


Uwo mwanya nca ndagutumako rero, nawe urayobotse k’uje. None rero twese turi hano imbere y’Imana, kwumva ivy’ Umwami Imana yakugeze kutubgira vyose.


Hahirwa abatekereza, kukw ari bo bazoragwa isi.


Murondere Uhoraho, yemwe bagwaneza mwese bo kw isi, bashitsa amabgirizwa yiwe: murondere ubugororotsi, bo n’ukwicisha bugufi; kumbure muzokinjishwa ku musi w’uburake bg’ Uhoraho.


Kandi nzobamijakw amazi meza, mushire imvyiro: nzoboza imyanda yanyu yose, n’ibigirwamana vyanyu vyose.


Ni mute kure ibicumuro vyanyu vyose mwacumuye, mwironkere umutima musha n’impwemu nsha: n’iki gituma mugomba gupfa, yemwe ab’ inzu ya Isirayeli?


kuk’ ubutumwa bgacu butābashitseko ar’ amajambo yonyene ariko bgarimwo n’ubushobozi na Mpwemu Yera, no kumara amazinda rwose; namwe murazi ubugene twari tumeze hagati muri mwebge kubganyu.


cank’ ibiteye isoni, cank’ amagambo y’ubupfu, cank’ ibitwenza bibi, kukw ivyo bitabereye; ikibereye n’ugushima Imana.


Maze mwiyambuye ibinyoma, umuntu wese avugane ivy’ ukuri na mugenzi we, kuko tur’ ingingo za bagenzi bacu.


mumenye yuk’ ūzimuruye umunyavyaha, akamukūra mu nzira yiwe yazimiriyemwo, aba amukirije ubugingo urupfu, kand’ aba apfutse ivyaha vyinshi.


Nuko rero, ko mwejesheje imitima kwumvira ukuri, kugira ngo mukunde bene Data bitar’ uruheyiheyi, mukovye mu gukundana bivuye mu mitima.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite