Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yakobo 1:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Mwiyumvire kw ar’ ivyo kunezererwa rwose, bene Data, ni mwagwa mu bibagerageza bitari bimwe,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Bene Data, munezerwe cane, igihe cose muhuye n’ibibagerageza vy’uburyo bwinshi,

Gade chapit la Kopi




Yakobo 1:2
21 Referans Kwoze  

Hahirwa umuntu yihanganira ibimugerageza, kuko ni yamara kurama azohabga igitsibo c’ubugingo, ico Imana yasezeraniye abayikunda.


Kukw ico mwagabiwe kubga Kristo, atar’ ukumwizera gusa, ariko mwagabiwe no kubabazwa kubgiwe;


Umwami Imana arazi gukiza abamwubaha ibibagerageza, no kurinda abagabitanya bahanwa gushitsa ku musi w’amateka,


None nnezererewe amagorwa yanje yo kubganyu, kand’ ivyasigaye ku marushwa ya Kristo nanje ndabishitsa mu mubiri wanje, kubg’ umubiri wiwe, ni wo shengero,


Ntutinye ivy’ ugira ubabazwe. Eh’ uwo Murwanizi agira ashire bamwe muri mwebge mw ibohero kugira ngo mugeragezwe, kandi muzogira amarushwa imisi cumi. Wame uyoboka gushitsa ku gupfa, nanje nzoguha igitsibo c’ubugingo.


Nuko bava mu maso y’abanyekombe, banezerejwe n’uko bemerewe gutētererezwa iryo zina.


Kuko mwababaranye n’ababoshwe, kandi mwemeye munezerewe kunyagwa ivyo mutunze, mumenya yuko mufise itunga riruta ivyo kuba ryiza, rikamaho.


Arikw asangwa nkwiye gusukwa ku kimazi c’ukwizera kwanyu no kw ibango ryakwo, ndanezerwa, nnezeranwa namwe mwese:


Kandi si vyo vyonyene, ariko kandi tunezererwe n’amarushwa yacu, kuko tuzi yukw amarushwa atera ukwihangana;


Ntimuzimire, bene Data nkunda.


Ivyo murabizi, bene Data nkunda. Yamar’ umuntu wese ni yihutire kwumva, atebe kuvuga, atebe kuraka:


Eh’ abihanganye tubita abahirwe: mwarumvise ukwihangana kwa Yobu, mwabonye ivy’ Umwami Imana yaherutse kumugirira, ingene yuzuye imbabazi no kugira ikigongwe.


abe ari ko namwe munezerwa, munezeranwe nanje.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite