Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yakobo 1:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Ivyo murabizi, bene Data nkunda. Yamar’ umuntu wese ni yihutire kwumva, atebe kuvuga, atebe kuraka:

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Bene Data bakundwa, mumenye iki: umuntu wese yihute kwumva, yitonde mu kuvuga, atebe kuraka,

Gade chapit la Kopi




Yakobo 1:19
54 Referans Kwoze  

Ūvuga make aba ar’ ubgenge, Kand’ umugwaneza aba ar’ umuntu afise umutima.


Ūrinda akanwa kiwe n’ururimi rwiwe, Umutima wiwe aba awurinze amagorwa.


Ūteba kuraka aba ar’ umunyabgenge bginshi, Arikw ikirandamuke cīhaya ubupfu.


Mw isinzi ry’amajambo ntihaburamw’ ugucumura, Arik’ uwigarura mu vy’iminwa ivuga n’umunyabgenge.


Ūwishura atarumva Bimubera ubupfu n’agatētereza.


Ūrinda akanwa kiwe azigama ubugingo bgiwe, Arikw ikirofoke kizoranduka.


Ūteba kuraka aruta umunyenkomezi, Kand’ ūganza umutima wiwe aruta ūnesheje igisagara.


Ni mwaraka ntibibakoreshe icaha: izuba ntirirenge mukiratse,


Umuntu w’inkazi avyura ibihāri, Arik’ ūteba kuraka ahwamika imitongano.


Ariko noneho mwiyambure n’ibi vyose: uburake, kujingitwa, urwanko rw’ubusa, gucokorana, kandi ntihakagire amagambo ateye isoni ava mu kanwa kanyu.


Umururazi wose no kujingitwa n’uburake no gutongana no gutukana bibavemwo, hamwe n’inzigo yose.


Urupfu n’ubugingo biri mu bubasha bg’ururimi, Kand’ abarukunda bazorya ivyo rwamye.


Kand’ amahoro ya Kristo aganze mu mitima yanyu, ayo mwahamagariwe ngo mube umubiri umwe: kandi mube abama bakenguruka.


Kwitonda kw’umuntu kumutera guteba kuraka, Kand’ icubahiro ciwe n’ukwirengagiza ico yacumuweko.


Ururimi rw’abanyabgenge rutonyanga ubgenge bubereye, Arikw akanwa k’ibipfu gasuka ubupfu.


Umuntu atītāngīra mu mutima Ameze nk’igisagara gitewe gisambutse uruzitiro.


Ikirandamuke gikora ivy’ ubupfu, Kand’ umuntu w’akazīkira baramwanka.


Ariko jeho ndababgira yuk’ umuntu wese azorakira mugenzi we azoba ashikiwe no gutsindwa n’urubanza; ūzotuka mugenzi we, ngo Wa kijuju we! azoba ashikiwe no gucirwakw iteka; ūzomutuka, ati Wa gipfu we! azoba ashikiwe no gutabga mu muriro wa Gehinomu.


Gutangura imitongano ni nko kugomorora amazi, Nuko reka ibirake utarasinda.


Umuntu ni yigira ngo n’umunyedini, ntafate ururimi, arikw agahenda umutima wiwe, idini y’uyo izoba ar’ iy’ ubusa.


Natwe igituma dushima Imana ubudasība, n’uko hamwe mwākīra ijambo ry’ubutumwa mwatwumvanye, ni ryo ry’Imana, mutāryemeye nk’ijambo ry’abantu, ariko nk’ijambo ry’Imana, nk’uko riri koko, rikorera muri mwebge abizera.


banka kuyumvira, canke ngo bibuke ibitangaza wakoze muri bo; ariko bagamika amazosi yabo, baragarariza, bironderera umugabisha ngo basubire mu buja bāhozemwo. Ariko wewe ur’ Imana ikunda guharira, ur’ inyabuntu, wuzuye imbabazi, uteba kuraka, ugira ikigongwe cinshi; nuko rero ntiwabataye.


Arikw abo bo bār’ imico myiza kuruta ab’i Tesalonike, kuko bākiriye ijambo ry’Imana n’umutima ukunze, basesa mu vyanditswe uko bukeye, ngo bamenye yukw ivyo ar’ivy’ ukuri.


babura uko bamugira; kukw abantu bose bāri bamumaseko, bamwumva.


Bakoraniraho benshi, ntibakwirwa mu nzu, eka n’imbere y’umuryango hose; ababgira ijambo ry’Imana.


Umuntu w’ishavu ryinshi azorihōrwa, Kandi naho womutabara uzoba ukwiye gusubīra.


Uwo mwanya nca ndagutumako rero, nawe urayobotse k’uje. None rero twese turi hano imbere y’Imana, kwumva ivy’ Umwami Imana yakugeze kutubgira vyose.


Bashishikara cane mu vyo intumwa zigisha, no kugira ubumwe, no kumanyagura umutsima no gusenga.


Abatozakori bose n’abanyavyaha bāriko baramwēgēra, ngo bamwumve.


Bahagarara aho bari, bamara igice ca kane c’umurango basoma igitabo c’ivyagezwe vy’ Uhoraho Imana yabo, ikindi gice ca kane nyene bakimara bātura ivyaha vyabo, basenga Uhoraho Imana yabo.


Sindabandikiye kuko mutazi ukuri, ariko n’uko mukuzi, kandi kukw ata binyoma biva mu kuri.


Abanyamahanga bavyumvise baranezerwa, bashimagiza ijambo ry’Imana; abāri baragerewe ubugingo budashira bose barizera.


Dawidi kw ari we amwita Umwami, non’ ivyo kuba umwana wiwe vyavuye hehe? Abenshi mw ishengero banezererwa kumwumva.


Kandi Ezira abasomera igitabo c’ivyagezwe vy’Imana umusi n’ umusi, uhereye ku musi wa mbere ukageza ku wuheruka. Bāmaze imisi indwi bagira imisi mikuru; ku musi ugira umunani haba ikoraniro ry’agahebuza nk’ukw ivyagezwe bivuga.


Iyo ndogoba ibonye uwo mumarayika w’Uhoraho, ica iryama Balamu akiri kuri yo: uburake bga Balamu buraziriringa, ayikubita inkoni.


Ni wabona umuntu apfa kuvuga irisunitswe n’ impwemu, Umenye kw igipfu copfanirwa ikizigizigi kuruta uyo.


Mur’ iyo misi Petero ava hasi ahagarara hagati ya bene Data, (hāri hakoraniye ishengero ry’abantu nk’ijana na mirongwibiri), aravuga,


Mwiyumvire kw ar’ ivyo kunezererwa rwose, bene Data, ni mwagwa mu bibagerageza bitari bimwe,


Ntimuzimire, bene Data nkunda.


Bene Data, kwizera Umwami wacu Yesu Kristo w’ubgiza ntikubemwo kurobanura abantu ku cubahiro.


Ni mwumve, bene Data nkunda. Mbeg’ Imana ntiyatoranirije aboro b’ivy’ isi kuba abatunzi mu kwizera, no kuragwa ubgami yasezeraniye abayikunda?


mu kanwa kamwe havamw’ umuhezagiro n’umuvumo. Bene Data, ivyo ntibikwiye kumera birtyo.


Bene Data, ntimuvuganane nabi. Ūvuga nabi mwene Se, cank’ ūhinyurira mwene Se ku mutima, aba avuze nabi ivyagezwe, ni vyo aba ahinyuye. Arikw iy’ uhinyura ivyagezwe, ntuba uvyitondera, uba ubaye umucamanza wavyo.


Ariko bene Data, ikiruta vyose, ntimukarahire: ntimurahire ijuru, cank’ isi, cank’ iyindi ndahiro yose; arikw ijambo ryanyu ribe Ego, ego; Oya, oya; kugira ngo ntimucirwekw iteka.


Bene Data, ni hagira umuntu muri mwebge azimira, akava ku vy’ ukuri, uwundi akamuzimurura,


Mbega nobuzwa n’ukw ata co bavuga, Kuko bahagaze batakigira ico bishura?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite