Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yakobo 1:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Ntimuzimire, bene Data nkunda.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Ntimuhendwe bene Data nkunda.

Gade chapit la Kopi




Yakobo 1:16
22 Referans Kwoze  

Ivyo murabizi, bene Data nkunda. Yamar’ umuntu wese ni yihutire kwumva, atebe kuvuga, atebe kuraka:


Nuko rer’ abo nkunda, nk’uko mwamye muganduka abe ari ko mushitsa agakiza kanyu, mutinya muhinda agashitsi, yamara s’iyo ndiho gusa, ariko n’ubu nyene naho ntar’ iyo ni murushirize.


Ntimuzimire: Imana yo nticokorwa; kukw ic’ umuntu abiba cose ari co azokwimbura.


Mwirinde, ntihakagire ūbagira inyagano, abanyagishije ubgenge bg’abantu ar’ ibihendo vy’ubusa, bikurikira akaronda k’imigenzo y’abantu, bikurikira ivya mbere vyo mw isi, bidakurikira Kristo.


Ugukunda bene Data ni kugumeho.


Mvuze ivyo kugira ngo ntihagire ūbahendagirisha amagambo y’inyosha.


Ni mwumve, bene Data nkunda. Mbeg’ Imana ntiyatoranirije aboro b’ivy’ isi kuba abatunzi mu kwizera, no kuragwa ubgami yasezeraniye abayikunda?


kuko bāzimiye bakava mu vy’ ukuri, bavuga ng’ ukuzuka kwarahejeje kubaho, bagahenura ukwizera kwa bamwe.


Nuko rero, bene Data, abo nkunda mporanira igishika, mur’ umunezero wanje n’igitsibo nambaye, muhagarare mushikamye murtyo muri mu Mwami wacu, abo nkunda.


Ntimuzi yukw abagabitanya batazoragwa ubgami bg’Imana? Ntimuzimire: abashakanyi, cank’ abasenga ibigirwamana, cank’ abasambanyi, cank’ abagabo bendwa, cank’ abagabo bendana,


Imana s’iy’ abapfuye, n’iy’ abariho: mwarazimiye cane.


Yesu arabishura, at’ Igituma muzimira mbega s’uko mutāmenye ivyanditswe cank’ ubushobozi bg’Imana?


Yesu arabishura, ati Mwarazimiye, ko mutāmenye ivyanditswe n’ubushobozi bg’Imana.


Mur’ iyo misi Petero ava hasi ahagarara hagati ya bene Data, (hāri hakoraniye ishengero ry’abantu nk’ijana na mirongwibiri), aravuga,


Mwiyumvire kw ar’ ivyo kunezererwa rwose, bene Data, ni mwagwa mu bibagerageza bitari bimwe,


Bene Data, kwizera Umwami wacu Yesu Kristo w’ubgiza ntikubemwo kurobanura abantu ku cubahiro.


Vyomara iki ga bene Data, namb’ umuntu avuga yukw afise ukwizera, ata bikorwa akora? Mbeg’ ukwo kwizera kwoshobora kumukiza?


Bene Data, muri mwebge ntihakabe benshi barondera kuba abigisha: murazi ko tuzocirwa urubanza ruruta iz’ abandi.


mu kanwa kamwe havamw’ umuhezagiro n’umuvumo. Bene Data, ivyo ntibikwiye kumera birtyo.


Bene Data, ntimuvuganane nabi. Ūvuga nabi mwene Se, cank’ ūhinyurira mwene Se ku mutima, aba avuze nabi ivyagezwe, ni vyo aba ahinyuye. Arikw iy’ uhinyura ivyagezwe, ntuba uvyitondera, uba ubaye umucamanza wavyo.


Ariko bene Data, ikiruta vyose, ntimukarahire: ntimurahire ijuru, cank’ isi, cank’ iyindi ndahiro yose; arikw ijambo ryanyu ribe Ego, ego; Oya, oya; kugira ngo ntimucirwekw iteka.


Bene Data, ni hagira umuntu muri mwebge azimira, akava ku vy’ ukuri, uwundi akamuzimurura,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite