Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yakobo 1:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Maz’ ukwo kwifuza gutwara inda, kukavyara icaha, icaha kimaze gukura kikavyara urupfu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Ivyo vyipfuzo bimaze gutwara inda, bivyara icaha. Icaha na co kimaze gukura, kikavyara urupfu.

Gade chapit la Kopi




Yakobo 1:15
21 Referans Kwoze  

Ehe rāba, uwo we aramukwa ukugabitanya, Mber’ inda yasamye n’ukugira nabi, avyara ibinyoma.


Basama inda z’inabi, bakavyara ibigabitanyo, Mu nda zabo hakuramw’ ubugunge.


arikw igiti kimenyekanisha iciza n’ikibi ntuz’ ukiryeko: kuk’ umusi wakiriyeko, uzopfa nta kabuza.


Nta witwarira uwundi mu buryo buroranye, nta n’ūbūrana ivy’ ukuri; bizigira ibitagira ikimazi, bakavuga ibinyoma; basama inda z’ ukugira nabi, bakavyara ibigabitanyo.


Uwo mugore abonye ico giti yukw ar’ ikibereye kuribga, kandi ko gihimbaye mu jisho, ar’ igiti co kwifuzwa kimenyesha ubgenge, yamura ku vyo camye, arabirya, ahako n’umugabo wiwe bāri kumwe, na we ararya.


Maz’ umwe muri bamwe cumi na babiri, yitwa Yuda Isikaryota, aja ku baherezi bakuru,


Abanyakibi bazosubizwa i kuzimu, Mbere n’amahanga yose yibagira Imana.


Nuko Dawidi atuma intumwa zo kumuzana, aca arenguka i we, bararyamana, kuko yari yihumanuye avuye mu miziro; hanyuma asubira i muhira.


Ubugororotsi bushikana umuntu ku bugingo, Arik’ ūkurikirana ikibi aba yikwegera urupfu.


Muzosama inda y’umuguruka, muvyare ishingwe; impwemu zanyu ni wo muriro uzobatongora.


Ariko jeho ndababgira yuk’ umuntu wese arāba umugore akamwifuza, aba amaze gusambana na we mu mutima wiwe.


Arik’ umuntu wese ageragezwa, iy’ akwezwe n’ivyo yifuza bikamusuka.


Nk’uko yabigabiye ubgayo, yatuvyarishije ijambo ry’ukuri, kugira ngo tube nk’umushuzo w’ibiremwa vyayo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite