Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yakobo 1:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Hahirwa umuntu yihanganira ibimugerageza, kuko ni yamara kurama azohabga igitsibo c’ubugingo, ico Imana yasezeraniye abayikunda.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Harahiriwe umuntu yihanganira ibimugerageza, kuko inyuma y’ukugeragezwa, niyarama azohabwa igitsibo c’ubugingo Imana yasezeraniye abayikunda.

Gade chapit la Kopi




Yakobo 1:12
49 Referans Kwoze  

Kand’ Imana igira ubuntu bgose, yabahamagariye ubgiza bgayo budashira muri muri Kristo, ni mwaheza kubabazwa akanya gato, izobahīngūra rwose ubgayo, izobaremesha, ibahe inkomezi.


Ntutinye ivy’ ugira ubabazwe. Eh’ uwo Murwanizi agira ashire bamwe muri mwebge mw ibohero kugira ngo mugeragezwe, kandi muzogira amarushwa imisi cumi. Wame uyoboka gushitsa ku gupfa, nanje nzoguha igitsibo c’ubugingo.


Eh’ abihanganye tubita abahirwe: mwarumvise ukwihangana kwa Yobu, mwabonye ivy’ Umwami Imana yaherutse kumugirira, ingene yuzuye imbabazi no kugira ikigongwe.


Kandi turazi yuko ku bakunda Imana vyose bifataniriza hamwe kubazanira ivyiza, abāhamagawe nk’uko yabigabiye.


Muzoba mwanswe na bose babahōra izina ryanje; arik’ uwihangana agashitsa iherezo ni we azokira.


Kuk’ umuntu wese azorushanywa yitegura muri vyose: abo bagenza bartyo, kugira ngo bahabge igitsibo gishira, ariko twebge tugenza durtyo kugira ngo duhabge ikitazoshira.


Yamara naho mwobabazwa muhōwe ukugororoka, mwoba muhiriwe. Ntimuze mutinye ivyo babakangisha, ntimuhagarike imitima,


Ibisigaye, mbīkiwe igitsibo c’ukugororoka, ico Umwami wacu, umucamanza agororotse, azompa kuri wa musi, kandi si jewe jenyene nzogihabga, ariko kandi n’abakunze kuzoseruka kwiwe bose bazogihabga.


Ni mwumve, bene Data nkunda. Mbeg’ Imana ntiyatoranirije aboro b’ivy’ isi kuba abatunzi mu kwizera, no kuragwa ubgami yasezeraniye abayikunda?


Nuk’ Umwungere mukuru ni yerekanwa, muzokwambikwa mu mitwe igitsibo c’ubgiza kitazoshira.


Ariko nk’uko handitswe, ngw Ivy’ ijisho ritigeze kubona, n’ivy’ ugutwi kutigeze kwumva, Ibitigeze kwinjira mu mutima w’umuntu, Vyose Imana yavyiteguriye abayikunda.


Kandi muze mwibuke urugendo rwose rwo mu bugaragwa Uhoraho Imana yanyu yabarōngōyemw’ iyi myaka ukw ari mirongwine; kugira ngw abacishe bugufi, abagerageze, amenye ibiri mu mitima yanyu, yuko muzokwitondera ivyagezwe vyiwe canke ko mutazovyitondera.


Inkono yo mu ruganda iteka ifeza, n’umuriro uvugutira izahabu, Arik’ ūgerageza imitima n’ Uhoraho.


Kand’ ico gice ca gatatu nzobacisha mu muriro wo mu ruganda, mbakūremw’ inkamba nk’uko bazikūra mw ifeza, mbageragereshe kubavugutira, nk’uko bagerageza izahabu: bazokwambaza izina ryanje, nanje nzobumva; nzovuga, nt’ Abo n’abantu banje, na bo bazovuga, bat’ Uhoraho ni we Mana yanje.


Ūnesha, nzomuha kwicarana nanje ku ntebe yanje y’ubgami, nk’uko nanje nanesheje nkicarana na Data ku ntebe yiwe.


Ariko munezerezwe n’uko mufatanije n’imibabaro ya Kristo, kugira ngo no mu gihe co guhishurwa kw’ubgiza bgiwe muze munezerwe muhimbarwe.


Arik’ ūkunda Imana ni we amenywa na yo.


Abo nkunda bose ndabakankamira, nkabakāngīra; nuko gira umwete, wihane.


ntimuze mwemere amagambo y’uwo muvugishwa canke y’uwo murōsi, kuk’ Uhoraho Imana yanyu azoba abagerageza, ngw amenye yuko mumukundisha imitima yanyu yose n’ubugingo bganyu bgose.


Ariko mwibuke imisi ya mbere, hamwe mwari mumaze kwākirwa n’umuco, mwihanganira ibisinzikaza vy’indwano nyinshi:


Kubabazwa kwangiriye ikimazi, Kugira ngo nige ivyo washinze.


Nuko rero mumenye yuk’ Uhoraho Imana yanyu ari yo Mana; n’Imana yo kwizigirwa, yama ishitsa isezerano, ikagirira imbabazi abayikunda, bakitondera ivyagezwe vyayo, ikageza ku runganwe rwabo uko ruzogenda rukurikirana gushitsa igihumbi;


Ni ko vyamubereye: amaze kwihangana ahabga ivyasezeranywe.


Maz’ Umwami azobgira abar’ i buryo bgiwe, ati Ni muze, abo Data yahezagiye, muragwe ubgami mwateguriwe, uhereye ku kuremwa kw’isi.


Ntarababazwa narazimira; Ariko noneho nitondera ijambo ryawe.


Ndavuga, nti Ndakwinginze, ewe Uhoraho, Mana Nyen’ ijuru, Mana nkuru uteye ubgoba, ukagumya isezerano n’ imbabazi ugirira abagukunda bakitondera ivyagezwe vyawe.


Ukwizera ni kwo kwatumye Aburahamu atanga Isaka kw ikimazi, hamwe yagezwa: mber’ uwari yarākīranye igishika amasezerano, yarikw aratanga kw ikimazi umwana wiwe w’ikinege,


Uhoraho, ndazi yukw imanza zawe ar’ izigororotse, Kandi yuko kuba umunyakuri ari kwo kwaguteye kumbabaza.


Twebge tugira urukundo, kukw ari yo yabanje kudukunda.


Kuk’ uhereye kera hose ata ho abantu bīgeze kwumva, canke ngo bibagwe mu matwi, canke ngo baboneshe amaso iyindi mana igira ico imarira abayīteze atari wewe.


Ni ho abakwishimiye bazonezerwa, Umunezero uzobatera guhora bashira amajwi hejuru, kuk’ ubakīngiye, Kandi n’abakunda izina ryawe bazonezererwa muri wewe.


nkagirira ikigongwe abankunda, bakitondera ivyagezwe vyanje, nkageza ku runganwe rwabo uko ruzogenda rukurikirana gushitsa igihumbi.


kandi mwibagiye rya jambo ribahubūra ribahanūra nk’abana, ngo Mwana wanje, ntugaye igikāngīro c’Uhoraho, Kandi ntudendebukirwe ni yaguhana.


Hahirwa umuntu Imana ihana: Nuko rero ntukagaye igikangiro c’Ūshobora vyose.


Ewe Uhoraho, hahirwa umuntu uhana, Ukamwigishisha ivyagezwe vyawe;


Hanyuma y’ivyo, Imana igeza Aburahamu; iramuhamagara, iti Aburahamu! Aritaba, ati Sabge.


Arikw aramwishura, at’ Uvuze nk’umwe wo mu bagore b’ibipfapfa. Mbega none twohabga ivyiza bisa mu biganza vy’Imana, tukanka kwākīra n’ibibi na vyo? Mur’ ivyo vyose Yobu ntiyakoresheje icaha akanwa kiwe.


Uhoraho asuzuma abagororotsi: Arik’ umunyakibi n’ūkunda umuryano, umutima wiwe urabanka.


Muzoba muhiriwe abantu ni babanka bakabaca, bakabatuka, bakanegura izina ryanyu nk’ah’ ari ribi, babahōye Umwana w’umuntu.


kand’ ukwihangana kugatera kudatsindwa no kugeragezwa; kudatsindwa no kugeragezwa kugatera kwizigira ibitaraba;


Wame ugira umwete wo kwiha Imana nk’uwamaze kurama, umukozi atarinda gutētērwa, aramiriza neza mw ijambo ry’ukuri.


Iyo mututswe muhōwe izina rya Kristo, muba muhiriwe: kuko Mpwemu w’ubgiza, ari we Mpwemu w’Imana, aba kuri mwebge.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite