Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yakobo 1:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 umutunzi na we, ni yirate kw acishijwe bugufi, kukw azoyoka nk’amashurwe y’ivyatsi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Ariko abatunzi bo, bakwiye kwishimira ko Imana yabacishije bugufi. Kuko bazokurwaho kurya kw’ishurwe ryo mw’ishamba.

Gade chapit la Kopi




Yakobo 1:10
19 Referans Kwoze  

Kuko, Abafise umubiri bose basa n’ivyatsi, Ubgiza bgabo bgose bumeze nk’amashurwe y’ivyatsi; Ivyatsi birūma, amashurwe agahunguruka,


Kand’ isi irikw irashirana n’ivyifuzo vyayo, arik’ ūkora ivy’ Imana igomba yamah’ ibihe bidashira.


Ashurika bga shurwe, maz’ agacibga; Ahita nk’igitūtu, ntiyamaho.


Wihanize abatunzi bo mu vy’ iki gihe, boye kwibona, canke kwishimira ubutunzi butar’ ubgo kwishimirwa, ariko bishimire Imana, iduha vyose bisēsekaye, ngo tubinezererwe;


ati Hahirwa aboro mu mitima yabo, kuk’ ubgami bgo mw ijuru ar’ ubgabo.


n’abakoresha ivy’ isi, bamere nk’abatabishishikaye: kuk’ ukw isi imeze uku, kugenda gushira.


Umuntu we, imisi yiwe ni nk’iy’ ivyatsi, Nk’ishurwe ryo ku musozi ni ko yamuza.


ariko mutazi ibizoba ejo. Ubugingo bganyu ni nk’iki? Mur’ umwuka uboneka umwanya muto, ugahava uyongayonga.


Non’ Imana ko yambika ivyatsi vyo ku misozi irtyo, birih’ uyu musi, ariko nk’ejo bigatererwa mu ziko, mbega ntizorushiriza kubambika, mwebge ab’ ukwizera guke mwe?


Kukw ivyo vyose intoke zanje ari zo zabiremye, bikabaho vyose, ni k’ Uhoraho agize; arik’ umuntu w’impahazwa afise umutima umenetse, agahindishwa agashitsi n’ ijambo ryanje, uwo ni we nzohozakw ijisho.


Ijwi ry’ūvuga, ati Semerera. Uwundi ati Nsemerere iki? Ut’ Abafise umubiri bose n’ivyatsi gusa, n’ubgiza bgabo bgose bumeze nk’amashurwe yo ku musozi:


Eka mbere n’ibintu vyose ndavyiyumvira kw ar’ ubuhombe, kubg’ ikibirengeye, ni co kumenya Kristo Yesu Umwami wanje. Kubg’ uwo nahomvye ibintu vyose, ndavyiyumvira kw ar’ ishano, kugira ngo ndonke Kristo,


Kuk’ ukw ari kw Imwe iri hejuru isumba vyose igize, iba ahatazoshira, izina ryayo n’Uwera; iti Mba hejuru ahantu hēra, kandi mbana n’ūfise umutima umenetse wicisha bugufi, kugira ngo mpēmbūre imitima y’abicisha bugufi, mpēmbūre n’abafise imitima imenetse.


Imisi yanje imeze nk’igitūtu kirehutse: Kandi nkabiranye nk’ubgatsi.


Kuko bazotemwa vuba nk’ ubgatsi, Bazokwuma nk’ukw imboga zitotahaye zuma.


N’ukuri umuntu wese agenda nk’icijiji; N’ukuri bahagarikira imitima ubusa: Umuntu arundanya ubutunzi, atazi ūzobutwara.


ivyatsi birūma, amashurwe agakabirana, kukw impwemu z’Uhoraho zībihūhako: n’ukuri abantu n’ivyatsi gusa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite