Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yakobo 1:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Yakobo, umugurano w’Imana n’uw’ Umwami Yesu Kristo, ndabandikiye abo mu miryango cumi n’ibiri y’abāsābagiye: muganuke.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Jewe Yakobo, umukozi w’Imana n’uw’Umwami Yesu Kristo, Ndabaramukije mwebwe abo mu miryango cumi n’ibiri mwasanzariye mu mahanga.

Gade chapit la Kopi




Yakobo 1:1
41 Referans Kwoze  

Maze bazomenya yuko jewe nd’Uhoraho, igihe nzobasābagiriza mu mahanga, nkabashwiragiriza mu bihugu.


Petero, intumwa ya Yesu Kristo, ndabandikiye abātoranijwe b’inyambukīra zo mu bāsanzariye i Ponto n’i Galatiya n’i Kapadokiya no muri Asiya n’i Bituniya,


Maz’ Abayuda baravugana, bati Mbeg’ uyo agira aje hehe, aho twebge tutazoshobora kumubona? Agira aje mu bāsābagiriye mu Bagiriki, ngw aze yigishe Abagiriki?


Bahēra kur’ uwo musi bahama cane ishengero ry’i Yerusalemu: bose basābagirira mu bihugu vy’i Yudaya n’i Samariya, ukūyemw’ intumwa gusa.


ivyo imiryango yacu cumi n’ibiri yizigira kuzobona, ikorera Imana ishizek’ umwete mwinshi ku murango no mw ijoro. Kandi ni kubg’ ivyo vyizigiro ndezwe n’Abayuda, mugenzi!


bandika icete, barakibarungikana, canditswe girtya, ngw Intumwa na bene Data bakuru turabatasha mwebge bene Data bo mu banyamahanga bari muri Antiyokiya n’i Siriya n’i Kilikiya.


Paulo, umugurano w’Imana, intumwa ya Yesu Kristo, mbihērewe kwizeza abo Imana yatoranije no kwigisha kumenya ivy’ ukuri gufatanije n’ukwubaha Imana;


Kandi bamaze kumenya ubuntu nahāwe, Yakobo na Kefa na Yohana, abashimwa kw ar’inkingi, badukora mu minwe, twe na Barunaba, ngo dufatanye na bo, ngo twebge tuje ku banyamahanga, na bo baje ku bākebge.


Barangije kuvuga, Yakobo aravuga, ati Bagabo bene Data, ni munyumvirize.


Kand’ Uhoraho azobashwiragiriza mu mahanga yose, uhereye ku mpera y’isi ugashitsa ku yindi; kandi muzosabiray’ izindi mana z’ibiti n’iz’amabuye, mutigeze kumenya, ari mwebge canke ba sogokuruza banyu.


Paulo, umugurano wa Yesu Kristo, nahamagariwe kuba intumwa, narobanuriwe ubutumwa bgiza bg’Imana,


Bukeye bg’aho Paulo yinjirana natwe kwa Yakobo, abakuru bose ni ho bāri bari.


Ni hagira ūnkorera, n’ankurikire, kand’ aho nzoba ndi, umukozi wanje ni ho azoba: ni hagira ūnkorera, Data azomuha icubahiro.


Yesu arababgira, ati Ndababgira ukuri yuko mwebge abankurikiye, ah’ Umwana w’umuntu azovyagirira ku ntebe y’ubgiza bgiwe, igihe co kuvyarwa ukundi gusha, namwe muzokwicara ku ntebe cumi na zibiri, mucire imanza imiryango cumi n’ibiri y’Abisirayeli.


Yuda, umugurano wa Yesu Kristo, kandi mwene nyina wa Yakobo, ndabandikiye abahamagawe, bakundwa kuko muri mu Mana Data wa twese, mukazigamirwa Yesu Kristo.


Simoni Petero, umugurano wa Yesu Kristo kand’ intumwa yiwe, ndabandikiye mwebge abāhawe ukwizera kw’akaburarugero kungana n’ukwacu, muguheshejwe n’ukugororoka kwa Yesu Kristo, ni we Mana yacu n’Umukiza.


Paulo na Timoteyo, abagurano ba Kristo Yesu, turabandikiye abera bose bo muri Kristo Yesu b’i Filipi, hamwe n’abazezwashengero n’abakozi baryo.


Kukw abāvuye kwa Yakobo batarashikayo yasangira n’abanyamahanga; ariko bashitseyo, ariyonjorora, arabanēna, kukw atinye abo mu bākebge.


Ariko mu zindi ntumwa nta wundi nabonye, atari Yakobo, mwene nyina w’Umwami Yesu.


Kuk’ uhereye kera hose Mose afise mu bisagara vyose abigisha ivyiwe, bisomwa mu masinagogi ukw isabato itashe.


Bashitseyo, barūrira baja mu nzu yo hejuru, aho bāri basembereye, ari Petero, na Yohana, na Yakobo, na Andereya, na Filipo, na Toma, na Barutolomayo, na Matayo, na Yakobo mwene Alufayo, na Simoni Zelote, na Yuda mwene Yakobo.


Mbega si wa mwana w’umubāji? Nyina ntiyitwa Mariya, kand’ abavukana na we si Yakobo na Yosefu na Simoni na Yuda?


Araheza yābīra amabuye cumi n’abiri, nk’ukw igitigiri c’imiryango ya bene Yakobo kingana, ari we nyene ijambo ry’Uhoraho ryajeko, riti Isirayeli ni ryo ribaye izina ryawe.


Uhoraho Imana yanyu azotuma muhindukira, muve mu kinyago, abagirire ikigongwe, asubire kubakoraniriza hamwe, abakūye mu mahanga yose ah’ azoba yarabasābagirije.


Namwe nzobashwiragiriza mu mahanga, nsokōre inkota, mbirukane; igihugu canyu kizosigara gitamāriwe, n’ibisagara vyanyu bicike imisaka.


Arabamama, abīgānira uk’Umwami Imana yamukūye mw ibohero, arababgira, at’ Ivyo mubibarire Yakobo na bene Data bandi. Arahava, aja ahandi.


Ico gihe co kuyishikiriza Imana, bātanze amamasa ijana n’amapfizi y’intama amajana abiri n’imyagazi y’intama amajana ane, kandi batangirira Abisirayeli bose amasuguru y’ impene cumi n’abiri, nk’ukw igitigiri c’imiryango y’Abisirayeli kingana, kw ikimazi gitangirwa ivyaha.


Kand’ Uhoraho azobasābagiriza mu mahanga, kandi muzosigara mur’ inkehwa mur’ ayo mahanga, iyo Uhoraho azoba yarabajanye.


Utwo tubuyenge twanganya igitigiri n’amazina y’abana ba Isirayeli; twar’ icumi na tubiri, nk’ukw amazina yabo ar’ icumi n’abiri; twari tumeze nk’ utubuyenge two kudoma ibimenyetso, twagenda twandikwakw izina mu buryo bgo guca amagarwe, twar’ utw’ iyo miryango ukw ar’ icumi n’ibiri.


Nuko Mose yandika amajambo yose y’Uhoraho, maze bukeye akoroka kare, yubaka igicaniro musi y’uwo musozi, ashinga inkingi z’amabuye cumi na zibiri, nk’ukw imiryango y’Abisirayeli ari cumi n’ibiri.


Numva igitigiri c’abadomwekw ikimenyetso, ngo n’ibihumbi ijana na mirongwine na bine, abādomwekw ikimenyetso bo mu miryango yose y’Abisirayeli.


I Yerusalemu hār’ Abayuda bamyeho, abagabo bubaha Imana, bāri bāravuye mu mahanga yose yo musi y’ijuru.


ngo muze murīre, munywere ku meza yanje mu bgami bganje: kandi muzokwicara ku ntebe z’icubahiro, mucire imanza imiryango y’Abisirayeli, ukw ar’icumi n’ibiri.


na Filipo na Barutolomayo na Toma na Matayo umutozakori, na Yakobo mwene Alufayo, na Tadayo,


Nuko Hamani abarira umwami Ahasuwerusi, ati Harih’ ubgoko busābagiye, bukwiragiye mu mahanga yo mu bihugu vyawe vyose; kand’ ivyagezwe vyabo nta ho bihūriye n’ivy’ ayandi mahanga yose, kandi ntibitondera ivyagezwe vyawe, mwami: ni co gituma, mwami, bitabereye gupfa kubarekera ngaho.


Utwo tubuyenge tunganye igitigiri n’amazina y’ abana ba Isirayeli: tube icumi na tubiri nk’ukw amazina yabo ar’ icumi n’abiri: tumere nk’utubuyenge two kudoma ibimenyetso, tugende twandikwakw izina mu buryo bgo guca amagarwe, tube utw’ iyo miryango ukw ar’ icumi n’ibiri.


Gira umwete wo kuza urushana rutarajobanya. Ewubulo arakuganutsa, na Pudenti na Lino na Kilawudiya na bene Data bose.


ati Jewe Kilawudiyo Lusiya ndakuganūtsa wewe Feliki umwubahwa, icēgēra ca Kayisari.


na Matayo, na Toma, na Yakobo mwene Alufayo, na Simoni yitwa Zelote,


atoranya na Andereya, na Filipo, na Barutolomayo, na Matayo, na Toma, na Yakobo mwene Alufayo, na Tadayo, na Simoni Umunyakananayo,


Nari mmaramaje kubashwiragiriza kure, Nkazimanganya ukwibukwa kwabo mu bantu,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite