Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Umusiguzi 9:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Ni wīgīre, wīrīre ivyo kurya vyawe unezerewe, winywere vino yawe n’umutima uhimbawe; kukw Imana imaze kwemera ibikorwa vyawe.

Gade chapit la Kopi




Umusiguzi 9:7
24 Referans Kwoze  

Amazimano azimanirwa gutera akanyamuneza, kandi vino inezereza umushaha: arikw amahera ni bimari vya vyose.


az’ abe ari ho murīra imbere y’Uhoraho Imana yanyu, abe ari ho munezeranwa n’ abo mu ngo zanyu, munezererwa ibikorwa vyose mwakoze, ivyo Uhoraho Imana yanyu yabahēreyemw’ umugisha.


Maze rero nca nshima ibinezereza, kukw ata ciza umuntu yogira musi y’izuba kirusha iki: kurya no kunywa no kunezerwa; kukw ivyo bizogumana na we mu butame bgiwe imisi yose y’ukubaho kwiwe, iyo Imana yamuhaye musi y’izuba.


Eh’ ico nabonye kibereye kandi c’igikundiro: n’umuntu kurya akanywa, akanezererwa ivyiza bivuye mu butame bgiwe bgose, ubg’ atamira musi y’izuba, imisi yose y’ukubaho kwiwe, iyo Imana yamuhaye: kukw ivyo ari vyo mugabane wiwe.


ariko mu mahanga yose ūyubaha, agakora ivy’ ukugororoka, iramwemera.


Ku musi ugira umunani w’ iyinga rya kabiri umwami asezera abantu, baramuhezagira, basubira i wabo banezerewe, bahimbawe mu mitima yabo kubg’ ivyiza vyose Uhoraho yagiriye umusavyi wiwe Dawidi n’abantu biwe b’Abisirayeli.


muheze munezererwe imbere y’Uhoraho Imana yanyu, mwe n’abahungu banyu n’abakobga banyu, n’abagurano banyu n’abaguranokazi banyu, n’Abalewi baba muri mwebge, kukw Abalewi ata mugabane cank’ ishamvu bafise muri mwebge.


Yesu aramubarira, ati Ni wīgīre, umwana wawe ni muzima. Uwo muntu yizera ijambo Yesu amubgiye, aragenda.


Ariko mutange ibir’ imbere mu gikombe no mu nkōko mubitangishijwe n’ubuntu, kand’ umve, vyose bizobabera ibiziruwe.


Aramubgira, ati K’uvuze urtyo ni wīgīre, dayimoni avuye mu mukobga wawe.


N’iki catumye uvuga kw ari mushikawe? nanje nkamujana nkamugira umugore wanje: nuko nguyo umugore wawe, mujane wīgīre.


Umuherezi abizunguze, bibe ishikanwa rizungurijwe imbere yanje, jewe Uhoraho; ivyo n’ivyera bizotwara umuherezi, hamwe na ya nkoro ishikanishwa kuzunguzwa, na ca gikenye c’ukuguru kigerewe abaherezi nyene. Ivyo birangiye, uwo Munaziri abone kunywa vino.


Ku musi w’amahoro unezerwe; ku musi w’ amarushwa wiyumvire: Imana yarabibangikanije, kugira ng’ umuntu ntaz’ aserangure ikintu na kimwe kizoba hanyuma yiwe.


Mbere nah’ umuntu yoramba imyaka myinshi ate, ayinezererwe yose; ariko yibuke imisi y’umwiza, kukw izoba myinshi. Ibizoza vyose n’ubusa.


Bowazi amaze kurya no kunywa, ahimvye mu mutima wiwe, aja kuryama i ruhande y’ ikirundo c’umuhure: na we aza asōbōka, yorosora ibirenge vyiwe, araryama.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite