Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Umusiguzi 9:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Urukundo rwabo n’urwanko rwabo n’ishari ryabo, vyose biba vyarashize: kandi ntibaba bagifise umugabane ku kintu na kimwe gikorerwa musi y’izuba gushitsa ibihe bidashira.

Gade chapit la Kopi




Umusiguzi 9:6
11 Referans Kwoze  

aramubgira, ati Vyuka, ujane umwana na nyina, uje mu gihugu c’i Bgisirayeli, kukw abārondera kwica umwana bāpfuye.


None ni nde yomenya ico umuntu akwiye mu kubaho kwiwe, imisi yose y’ ukubaho kwiwe kw’ubusa, amara ari nk’igitūtu? None ni nde yobarira umuntu ibizoba inyuma yiwe musi y’izuba?


Ivyizigiro vy’abagororotsi n’ umunezero, Arikw ivyo abanyakibi bishimiye bizoshira.


Nuko muri Egiputa hima uwundi mwami, atigeze kumenya ivya Yosefu.


Ikintu cose amaso yanje yifuza sinakiyima, kandi sinabujije umutima wanje ikinezereza na kimwe, kand’ umutima wanje wanezerezwa n’ubutame bganje bgose; kand’ ivyo bimbera umugabane uvuye mu butame bganje.


Ni co catumye mbona yukw ata kintu kirenze ibi, umuntu kunezererwa ibikorwa vyiwe; kukw ico ari co mugabane wiwe: none ni nde azomugarukana kurāba ibizobaho hanyuma yiwe?


Ivyo vyose nabishizek’ umutima, kugira ngo mbisese vyose; kandi nabonye yukw abagororotsi n’abanyabgenge bari mu kuboko kw’Imana, bo n’ibikorwa vyabo, n’urukundo n’urwanko; abantu buntu nta co bazi; vyose bir’ imbere yabo.


Ndavuga, nti Sinzobona Uhoraho, Uhoraho mu gihugu c’abariho: Sinzokwongera kubona umuntu n’umwe wo mu baba mw isi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite