Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Umusiguzi 9:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Ereg’ abariho baba bazi ko bazopfa; arikw abapfuye nta co baba bakizi, kandi nta mpēra baba bakibona; kuko kwibukwa kwabo kuba kwaramaze kwibagirana.

Gade chapit la Kopi




Umusiguzi 9:5
18 Referans Kwoze  

Bo barapfuye, ntibazokwongera kubaho; barahwereye, ntibazozuka: ni co catumye ubahana, ubarandura, ukazimanganya ukwibukwa kwabo kwose.


Ivy’ ibihe vyahise ntibicibukwa, kand’ ivy’ ibihe bizoza ntibizoba bicibukwa n’abazobikurikira.


Kuk’ utazokwibukirwa mu rupfu; Ni nde azogushimira i kuzimu?


Kandi nk’ukw abantu bābīkiwe gupfa rimwe, hanyuma yaho hakaza amateka,


Abana biwe bahabga icubahiro, ntabimenye; Bacishwa bugufi, ntabice n’ ikanda.


Ar’ umunyabgenge, ar’ igipfu, nta wuzohora yibukwa ibihe vyose; kuko mu misi izoza bose bazoba bamaze kwibagirana. Ereg’ umunyabgenge apfa nk’ukw igipfu gipfa na co!


Bibe imbere y’Uhoraho ubudasība, Kugira ngw arandure ukwibukwa kwabo, agukūre mw isi.


Kand’ ikigeretseko nabonye abanyavyaha bahambga, bīgīriye; n’abakoze ibiroranye bīgīra bavuye ahantu hēra, bakibagirana mu gisagara: ivyo na vyo nyene n’ ubusa.


Kuko wewe uri Data wa twese, naho Aburahamu atatuzi, kandi na Isirayeli ntatwemere: wewe ubgawe, Uhoraho, ni wewe Data; Umucunguzi wacu ni ryo zina ryawe uhereye kera hose.


Ni vyiza kuja mu nzu y’abagandaye kuruta kuja mu nzu y’intumire: kukw ari ryo herezo ry’abantu bose, kand’ ūkiriho abishirak’ umutima.


Kuko nzi yuk’ uzonshitsa mu rupfu, Ukanshitsa no mu nzu y’ ihūriro ry’abakiriho bose.


kandi ni nde atazoba muri bo? Abariho bose baba bari n’ivyizigiro: kukw imbga ibona iruta intambge ipfuye.


Ikintu cose ukuboko kwawe kwerekeje gukora ugikorane inkomezi zawe; kukw ata gikorwa cank’ inama cank’ ukumenya cank’ ubgenge i kuzimu ah’ urāriye kuja.


Erega twese tuzopfa, tumeze nk’amazi asēseka ntayorwe. Mbere n’Imana ntiyiciraho, arikw irondera uburyo kugira ng’ uwaciwe ntaz’ arinde apfa akir’ igicibga.


Ariko, Uhoraho, ni wewe ntakambira, Kandi mu gitondo ugusenga kwanje kuzogusanganira.


Hanyuma na wa mugore arapfa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite