17 Amajambo y’abanyabgenge avuzwe buhoro yumvirizwa kurusha gusemerera kw’umuntu w’iremezo ry’ibipfu.
Ūhanūra umuntu, hanyuma azobona ishimwe Kuruta ūhemanisha ururimi.
kuk’ uburake bg’umuntu budakora ivy’ ukugororoka kw’Imana.
Ntazoyogora, ntazosemerera, kandi ntazokwumvikanisha ijwi mu nzira.
Ntazodendebukirwa, ntazocika intege, gushitsa ah’ azoshingira amateka mw isi; ababa ku kiyaga bazokwitega ivyagezwe vyiwe.
Iciza n’ ukwumvira igihano c’umunyabgenge kuruta kwumviriza imvyino z’ibipfu.
Amajambo yo mu kanwa k’umunyabgenge n’ay’ igikundiro; arik’ umunwa w’igipfu uzogicisha umutwe.
Avuze ivyo, acūra ikoraniro.