Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Umusiguzi 9:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 maze muri co haboneka umworo w’umunyabgenge, arokoza nya gisagara ubgenge bgiwe: yamara ntihaba hakigira umuntu yibuka wa mworo.

Gade chapit la Kopi




Umusiguzi 9:15
8 Referans Kwoze  

Umuhungu mworo w’umunyabgenge aruta umwami ashāje akaba igipfu, atacemera guhanūrwa.


Ariko wa mukevyi mukuru ntiyaruha yibuka Yosefu: aramwibagira.


Maz’ uwo mugore aja mu bantu bose ajanye inama y’ubgenge; na bo baragenda baca izosi Sheba mwene Bikuri, bashiburira Yowabu umutwe wiwe. Na we araheza avuza inzamba, abantu bose bava ku gisagara, baratandukana, umuntu wese ataha i we. Yowabu na we atabarukira i Yerusalemu i bgami.


Ar’ umunyabgenge, ar’ igipfu, nta wuzohora yibukwa ibihe vyose; kuko mu misi izoza bose bazoba bamaze kwibagirana. Ereg’ umunyabgenge apfa nk’ukw igipfu gipfa na co!


Umunyabgenge yūrira inzitiro z’igisagara c’abahizi, Agasangangura ibikomeye bāri bizigiye.


Kand’ ikigeretseko nabonye abanyavyaha bahambga, bīgīriye; n’abakoze ibiroranye bīgīra bavuye ahantu hēra, bakibagirana mu gisagara: ivyo na vyo nyene n’ ubusa.


Ubgenge bubera umunyabgenge ububasha kuruta abatware cumi bari mu gisagara.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite