Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Umusiguzi 9:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Kukw abantu batazi igihe cabo na mba; nk’ ukw amafi afatwa n’urusenga rw’ ubugesera, kandi nk’ukw inyoni zifatwa n’umutego, uko ni kw abana b’abantu bafatwa n’umutego w’igihe c’ubugesera, kibaguyeko giturumbuka.

Gade chapit la Kopi




Umusiguzi 9:12
28 Referans Kwoze  

Aho bazoba bavuga, bati Har’ amahoro, nta nkomanzi; ni ho uguhona kuzobazako giturumbuka, nk’ukw ibise biza ku mugore akuriwe, kandi ntibazokwikiza na gatoya.


Igicumuro c’umunyakibi kimubera umutego, Arik’ umugororotsi araririmba akanezerwa.


bashire ibirāre, bave mu mutego wa wa Murwanizi yabafashe ngo bakore ivy’ agomba.


kuko yavuze, iti Mu gihe co kwemererwamwo ndakwumvise, No ku musi wo gukirizwako ndagutabaye. Ehe none n’igihe co kwemererwamwo, ehe none n’umusi wo gukirizwako.


Ni co gituma ukuranduka kuzomushikako giturumbuka; Azovunagurwa giturumbuka, atagira gitabara.


Arikw abo bantu bameze nk’ibikōko bitagira ubgenge, ibikōko bukōko, vyavukiye gutegwa no kwicwa, batuka ivyo batazi, guhonnya kwabo kuzobahonnya na bo,


mugire ingeso nziza mu mahanga, kugira ngo, no ku vyo babavuga nabi nk’inkozi z’ibibi, ibikorwa vyanyu vyiza babona bize bitume bahimbaza Imana ku musi ibagendeye.


Kandi mumenye iki, yukw iyaba nyen’ urugo yar’ asanzwe azi igihe igisuma kiziramwo, yogavye, ntiyokunze kw inzu yiwe yimbga.


Maz’ Imana iramubgira, iti Wa gipfu we, mur’ iri joro barakwaka ubugingo bgawe: non’ ivyo wohitikiranije bizoba ivya nde?


ni co gituma ukwo kugabitanya kuzobabera nk’uruzitiro rw’amabuye rurerure rwase umugāga, ruminaraye ruri mu gutemba; guhomvoka kwarwo kuzoba giturumbuka mu kanya isase.


Urubanza rw’igikorwa kibi naho ruciwe, ntiruherahezwa vuba, ni co gituma imitima y’ abana b’abantu ihangara gukora ikibi.


Abanyakibi azobarekurirakw amakara yaka n’amazuku; Umuyaga w’indugumba uzoba umugabane mu gikombe cabo.


Kukw iherezo ry’abana b’abantu ari ryo herezo ry’ibikōko; iherezo ni rimwe: nk’uko bapfa ni ko bipfa; mbere vyose bihumeka kumwe, kand’ umuntu nta co asumbije ibikōko: kuko vyose ar’ ubusa.


Kandi nabonye musi y’izuba ubgenge mur’ ubu buryo, kandi bgambereye igikomeye:


Nuk’ ūhunga induru y’ibiteye ubgoba azogwa mu rusumanyenzi; uwūrira ngw ave mu rusumanyenzi umutego uzomufata: kukw ingomero zo mw ijuru zigomorowe, kand’ amatanguriro y’isi akanyiganyiga.


Efurayimu n’umushibamyi yīmīra Imana yanje: arik’ ūvugishwa n’Imana we, umutego w’abatezi b’inyoni uri mu nzira ziwe zose, n’urwanko rumutanga mu ngoro y’Imana yiwe.


Kukw ivyago no kugeseza bivuye kur’ abo bompi bizoza giturumbuka, Kandi ni nde yobimenya?


Nta muntu ariho afise ububasha ku mpwemu ziwe, ngw azīgumirize, kandi nta bubasha agira bgo kubuza umusi w’urupfu; mur’ izo ntambara nta kurekurwa kuriho, kand’ uwihaye ikibi ntikizomukiza.


Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Nzoguhwikiza urusenga rwanje, ndi kumwe n’igitero c’abanyamahanga benshi; kandi bazogukwegesha urusenga rwanje.


Bakigenda, nzobatega ururiba rwanje; nzobakororera hasi nk’ ibisīga vyo mu kirēre: nzobakubita, nk’uko mw ikoraniro ryabo bābibūriwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite