Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Umusiguzi 9:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Ikintu cose ukuboko kwawe kwerekeje gukora ugikorane inkomezi zawe; kukw ata gikorwa cank’ inama cank’ ukumenya cank’ ubgenge i kuzimu ah’ urāriye kuja.

Gade chapit la Kopi




Umusiguzi 9:10
44 Referans Kwoze  

Ivyo mukora vyose, mubikore bivuye mu mutima, nk’abakorera Shobuja mukuru, ntimube nk’abakorera abantu,


mugura uburyo mubugwiza, kukw imisi ari mibi.


ku vy’ ugushishikara, ntimugire urwangara; mukovye mu mitima gukorera Umwami wacu.


Kuk’ utazokwibukirwa mu rupfu; Ni nde azogushimira i kuzimu?


Ntimuzi yuko mu birori abasiganwa biruka bose, arik’ ūhērwa akaba umwe? Namwe abe ari ko mwiruka, kugira ngo muronke impēra.


Biba imbuto zawe mu gitondo, kandi ku mugoroba ntupfunye amaboko: kuk’ utazi ibizokunda, ko vyoba ar’ ibi cank’ ibi, canke ko vyose bizomera neza kumwe.


Muzondondera kandi muzombona, ni mwandondeza umutima wanyu wose.


Ariko mubanze mwitwaririke ubgami bg’Imana n’ukugororoka kwayo, ni ho ivyo vyose muzovyongerwa.


Arik’ ubuntu bg’Imana ni bgo bgatumye mba uko ndi, kand’ ubuntu bgayo nagiriwe ntibgabaye ubg’ ubusa, ariko natamye kurusha bose; ariko si jewe yamara n’ubuntu bg’Imana bgari kumwe nanje.


Nuko nanje ndiruka, ariko si nk’ūtazi iy’ aja: nkubitana ibipfunsi, ariko si nk’ūhusha;


Twebge dukwiye gukora ibikorwa vy’uwantumye hakibona; buhava bgira, ata wugishobora gukora.


Yesu arababgira, at’ Indya zanje n’ugukora ico uwantumye agomba, no guheraheza igikorwa ciwe.


Ibicu iyo vyuzuyemw’ imvura vyisukanurira kw isi; kand’ igiti iyo gihenuka cerekeye i bumanuko, canke cerekeye i burārūko, aho hantu igiti cahenukiye ni ho kiguma.


avugira imbere ya bagenzi biwe n’imbere y’ingabo z’i Samariya, ati Barya bagoyigoyi b’Abayuda bakora ibiki? Mbega bagomba kwizitirira? Canke bazotanga ibimazi? Mbega bagomba kwubaka ngo buzuze ku musi umwe? None bozīkurura amabuye bayakūra mu bishingwe kandi yarahiye?


Nuko dushimikira kwubaka uruzitiro, rwose turaruhwanya, gushitsa rutimbanye; kukw abantu bari bashize umutima kur’ ico gikorwa.


None rero ni mugire umwete wo kurondeza Uhoraho Imana yanyu imitima yanyu yose n’ubugingo bganyu bgose. Muve hasi rero, mushireko mwubake urusengero rw’ Uhoraho Imana, kugira ngw isandugu y’isezerano ry’Uhoraho, n’ ibintu vyejejwe vy’Imana, muze mubizane, muvyinjize mur’ iyo ngoro izoba yubakiwe izina ry’ Uhoraho.


Timoteyo ni yaramuka aje i wanyu, muze mumubabare kugira ngw abane namwe ata bgoba; kukw akora igikorwa c’Umwami wacu nkanje.


Ndaheza mpenga mw ijoro mvyukana n’ abantu bake, kandi sinagize umuntu n’umwe mbgira ivyo Imana yashize mu mutima wanje ngo ndabikorere Yerusalemu; kandi nta mafarasi twajanye atar’ iyo nagenderako.


Maze Dawidi abarira Salomo umuhungu wiwe, ati Shikama, ushire amanga, ubikore. Ntutinye, nturanduke umutima, kuk’ Uhoraho Imana, ari yo Mana yanje, azoba ari kumwe nawe; ntazoguhemukira, ntazoguta, gushitsa ah’ ibikorwa vyose bizokorwa kur’ iyo ngoro y’Uhoraho bizorangirira.


Maze Kalebu yamira abantu bariko baridodombera Mose, aravuga, ati Ni muze tudūge ubu nyene, tuhashikīre, kuko dushobora rwose kuhatsinda.


Abahungu biwe bose n’abakobga biwe bose baza kumwirura; ariko yanka kwirurwa; ati Nzorinda mpamvya umwana wanje i kuzimu nkirira. Nuko se amuririra artyo.


Kand’ ivyo bimenyamenya ni vyagushikako, ugenze uk’ ubona bikwiye, kukw Imana iri kumwe nawe.


Imisi yabo bayimara baroraniwe, Maze bakamanuka i kuzimu banihutse.


Naravuze, nti Ndakenyutse, ngiye guca mu marembo y’i kuzimu: Natswe imyaka yanje yar’ igisigaye.


Ntaraja aho ntazogaruka ukundi, Mu gihugu c’umwiza n’ic’ igitūtu c’urupfu,


Igihugu c’umwiza w’umuzitanya, nk’uk’ umuzimagiza nyene umeze, Ic’ igitūtu c’urupfu, ahatagira umutekano, Ah’ umuco umeze nk’umwiza.


Ntukabgire mugenzawe, uti Genda, uz’ugaruke, Ejo nzoguha; Kand’ ubifise ngaho.


Baramwishura, bati N’ukw ata waturaritse. Arababgira, ati Namwe ni mungīre mu ruzabibu.


Kuko rimwe‐rimwe umumarayika yamanuka aja muri kino kidengeri, akazīkurura amazi. Maz’ uwītangiye gutambukiramwo, amazi azīkurutse, ni we yakira indwara yamufashe iy’ ari yo yose.]


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite