Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Umusiguzi 9:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Ivyo vyose nabishizek’ umutima, kugira ngo mbisese vyose; kandi nabonye yukw abagororotsi n’abanyabgenge bari mu kuboko kw’Imana, bo n’ibikorwa vyabo, n’urukundo n’urwanko; abantu buntu nta co bazi; vyose bir’ imbere yabo.

Gade chapit la Kopi




Umusiguzi 9:1
31 Referans Kwoze  

N’ivy’ ukuri arakunda amahanga, Abera biwe bose bari mu kuboko kwiwe, Bicaye hambavu y’ibirenge vyiwe, Umuntu wese yumva amajambo yiwe.


mwebge abazigamwa n’ubushobozi bg’Imana kubg’ ukwizera, muzigamirwa agakiza kāteguwe kuzohishurwa mu gihe c’iherezo.


Harih’ ic’ ubusa gikorerwa kw isi; n’uko har’ abagororotsi bagirirwa ibikwiranye n’igikorwa c’abanyakibi, hakabaho n’abanyakibi bagirirwa ibikwiranye n’igikorwa c’abagororotsi: navuze yukw ivyo na vyo nyene ar’ ubusa.


Ni we afise mu kuboko kwiwe ubugingo bg’ikintu cose kizima, N’impwemu z’ababaho bose.


Ni co gituma kandi mbabazwa ntya, yamara ntibintera isoni, kuko nzi uwo nizeye, kandi nzi ntakekeranya yukw ashobora kuzigama ikibītsanyo namubīkije gushitsa kuri wa musi.


Uhoraho, uzoturonsa impore, kukw ivyo dukora vyose ari wewe ubidusohoreza.


Uremeke Uhoraho ibikorwa vyawe, Ni ho imigabo yawe izokomera.


Mu kuboko kwawe ni ho nshize ubugingo bganje; Warancunguye Uhoraho, we Mana y’ukuri.


Azozigama ibirenge vy’abagororotsi biwe, Arikw abanyavyaha bazohonera mu muzimagiza, Kukw inkomezi z’umuntu atari zo zimuha kunesha.


Kand’ igipfu gihogomboka mu magambo; umuntu ntazi ibizobaho; kand’ ibizobah’ inyuma yiwe yobibgirwa na nde?


Mmaze gushira umutima wanje ku kumenya ubgenge no kwitegereza igikorwa gikorerwa kw isi — kuko har’ Uwo amaso yiwe atabona agatiro, ari ku murango canke mw ijoro —


Maze nshira umutima wanje ku kumenya no gusesa no guserangura ubgenge n’ inyanduruko z’ibintu, no kumenya kw icaha ar’ ubupfu, kandi k’ubupfu ar’ ibisazi.


Ivyo vyose narabibonye mu misi yanje yapfuye ubusa: har’ aho umugororotsi akenyuka kand’ agororotse, kandi har’ aho umunyakibi aramba kand’ akora ibibi.


Kandi nashize umutima wanje ku kumenya ubgenge, no ku kumenya ubujuju n’ubupfu ivy’ ari vyo: na vyo nyene nabonye kw ar’ uguhahamira umuyaga.


Kuko nagirira ishari abībone, Aho nabona abanyakibi baguwe neza.


Warabibonye, kuk’ urāba ukugira nabi n’inzigo, kugira ng’ ubishire mu kuboko kwawe; Umurushwa yegamira wewe wenyene; Ni wewe mutabazi w’impfuvyi.


Arikw iyaba jewe, mba narambambiye Imana, Iryo mfise mba naryitwaye ku Mana;


Ubugingo bganje buri ku maregerege imisi yose, Ariko sinibagira ivyagezwe vyawe.


Urukundo rwabo n’urwanko rwabo n’ishari ryabo, vyose biba vyarashize: kandi ntibaba bagifise umugabane ku kintu na kimwe gikorerwa musi y’izuba gushitsa ibihe bidashira.


abagabo n’abagore n’abana, n’abakobga b’ umwami, n’umuntu wese Nebuzaradani umukuru w’abashibamyi yari yararagije Gedaliya mwene Ahikamu, Ahikamu wa Shafani, bo n’ūvugishwa n’Imana Yeremiya, na Baruki mwene Neriya;


Rāba mwebge mwese ubganyu mwaravyiboneye; None se n’iki gitumye muba abatagira ico bamaze na mba?


kukw atazi ikizobaho; none ni nde yomubarira ingene bizomera?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite