Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Umusiguzi 8:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 kukw atazi ikizobaho; none ni nde yomubarira ingene bizomera?

Gade chapit la Kopi




Umusiguzi 8:7
14 Referans Kwoze  

Kand’ igipfu gihogomboka mu magambo; umuntu ntazi ibizobaho; kand’ ibizobah’ inyuma yiwe yobibgirwa na nde?


shebuja w’uwo mushumba azoza ku musi atamwiteze no mu gihe atazi:


Kukw abantu batazi igihe cabo na mba; nk’ ukw amafi afatwa n’urusenga rw’ ubugesera, kandi nk’ukw inyoni zifatwa n’umutego, uko ni kw abana b’abantu bafatwa n’umutego w’igihe c’ubugesera, kibaguyeko giturumbuka.


Kukw ivyago no kugeseza bivuye kur’ abo bompi bizoza giturumbuka, Kandi ni nde yobimenya?


Nuko namwe mwame mwiteguye, kuk’ Umwana w’umuntu azoza mu gihe mutiyumviriye.


None ni nde yomenya ico umuntu akwiye mu kubaho kwiwe, imisi yose y’ ukubaho kwiwe kw’ubusa, amara ari nk’igitūtu? None ni nde yobarira umuntu ibizoba inyuma yiwe musi y’izuba?


Ni co catumye mbona yukw ata kintu kirenze ibi, umuntu kunezererwa ibikorwa vyiwe; kukw ico ari co mugabane wiwe: none ni nde azomugarukana kurāba ibizobaho hanyuma yiwe?


Ūhanūrwa kenshi akagamika izosi Azovunagurwa giturumbuka, atagira gitabara.


Ku musi w’amahoro unezerwe; ku musi w’ amarushwa wiyumvire: Imana yarabibangikanije, kugira ng’ umuntu ntaz’ aserangure ikintu na kimwe kizoba hanyuma yiwe.


Hamani arongera arababgira, ati Kandi n’umwamikazi Esiteri nta wundi yakundiye kwinjirana n’umwami ku giturire yiteguye atari jewe; mbere n’ubu yantumiye ngo n’ejo nze njane n’umwami.


Ntukarāte ivy’ ejo, Kuk’ utazi ivyo umusi uzovyara.


Ivyo vyose nabishizek’ umutima, kugira ngo mbisese vyose; kandi nabonye yukw abagororotsi n’abanyabgenge bari mu kuboko kw’Imana, bo n’ibikorwa vyabo, n’urukundo n’urwanko; abantu buntu nta co bazi; vyose bir’ imbere yabo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite