6 kukw ikibaho cose kigira igihe caco n’urubanza rwaco; kukw imibabaro y’umuntu imuvuna:
Ikintu cose cashingiwe igihe caco, kand’ igikorwa cose musi y’ijuru gifise akanya kaco:
Navuze mu mutima, nt’ Imana izocira imanza umugororotsi n’umunyakibi: kuko kuri yo ari ho har’ igihe c’ikibaho cose n’igikorwa cose.
Ikintu cose yakiremye ari ciza mu gihe caco: kandi yashize ivyiyumviro vy’ibihoraho mu mitima yabo, nah’ umuntu adashobora guserangura igikorwa Imana yakoze uhereye kw itanguriro ugashitsa kw iherezo.
Nyen’ inzu ni yaheza guhaguruka, akugara urugi, mugatangura gukomanga muhagaze hanze, mukavuga, muti Mupfasoni, n’utwugururire: ni ho azobishura, ati Simbazi, sinzi n’iyo muvuye.
Ewe wa musore, nezererwa ubusore bgawe, kand’ umutima wawe ukunezereze mu misi y’ubusore bgawe, kand’ ugendere mu nzira z’umutima wawe, no mu kurāba kw’amaso yawe: ariko wame ubizi yukw Imana izogushira mu rubanza rw’ivyo vyose.
Yamara rero wamye uhishije ibindi mu mutima wawe, Kand’ ivyo wagabiye nzi kw ar’ ibi:
Kugira ngw igaburuze umuntu imigabo yiwe, Imurinde ubgibone.
Kandi har’ ah’ ahanwa n’ uburibge ari ku buriri bgiwe, Akagira uburibge budahorerekeza mu magufa yiwe: