5 Umuntu wese yitondera icagezwe ntazogira ikibi abona; kand’ umutima w’umunyabgenge utahura ko hazoba igihe n’imanza:
Ariko, ivyo kurya bigumye n’ivy’ abakuze, bafise ubgenge, maze kubgo kwama babukoresha, bumogorera gutandukanya ikibi n’iciza.
Petero na Yohana barabishura, bati Namb’ ari vyiza mu nyonga z’Imana kubumvira kubarutisha Imana, ni mubitandukanye:
Arababarira, ati Nuko rer’ ivya Kayisari ni mubihe Kayisari, ivy’ Imana mubihe Imana.
Abo mu Bisakari bazi ubgenge bgo kumenya ibihe, bakamenya n’ivyo Abisirayeli bakwiye gukora, bār’ abakuru amajana abiri, bāzananye n’ abandi b’i wabo bāgaba.
Maze Petero n’intumwa barabishura, bat’ Igikwiye n’ukwumvira Imana kuyirutisha abantu.
Efurayimu arahahajwe, avungavunzwe n’iteka aciriweko, kuko yahurumbiye inyuma y’ibinyoma.
Umutima w’umunyabgenge umuroresha i buryo, arik’ umutima w’igipfu ukiroresha i bufuti.
Ndakugīriye inama: witondere icagezwe c’umwami, nk’uko wabirahiye Imana.
Umunyabgenge amaso yiwe aba mu mutwe, arikw igipfu co kigendera mu mwiza: yamara nabonye yukw iherezo rya bompi ari rimwe.
Ubgenge bur’ imbere y’ūkerebutse, Arikw amaso y’igipfu agenda ajarajara gushitsa ku mpera z’isi.
Arikw abo bākirizi bubaha Imana, ntibagira nk’uk’ umwami wa Egiputa yabageze, bareka n’ abana b’abahungu.
Ni co gituma natwe, uhereye igihe twavyumviye, tudahengeshanya kubasengera, no kubasabira ngo mwuzuzwe ukumenya ivy’ igomba n’ubgenge bgose no kumenya ivy’ impwemu,
Aho nzoshirira umutima ku mabgirizwa yawe yose Ni ho ntazomāramāra.
Nta cago kizoba ku mugororotsi, Arikw abanyakibi buzuye ibibi.
Vyose vyarumviswe: indunduro yavyo n’iyi: Wubahe Imana, witondere ivyagezwe na yo; kukw ivyo ari vyo bibereye rwose umuntu wese.