Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Umusiguzi 8:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Ntukihute kuva imbere yiwe; ntukibande ku kintu kibi: kuko we akora ic’ agomba cose.

Gade chapit la Kopi




Umusiguzi 8:3
13 Referans Kwoze  

Uburake bg’ūganza ni bgakugurumanira, ntutirimuke ah’ uri; kuko kwiyorosha gutesha ibicumuro bikomeye.


Kandi kubg’ ubukuru yamuhaye, amoko yose n’amahanga n’abavuga indimi zitari zimwe bāhindira agashitsi imbere yiwe, bakamutinya; yica uwo agomvye kwica, agakiza uwo agomvye gukiza; yashira hejuru uwo agomvye, agacisha bugufi uwo agomvye.


Kand’ ababa kw isi bose ibagereranya n’ubusa, kand’ ikora ukw igomba mu ngabo zo mw ijuru, no mu baba kw isi; kandi nta wushobora kubuza ukuboko kwayo, canke kuyibaza, at’ Ukora iki?


Ūteba kuraka aba ar’ umunyabgenge bginshi, Arikw ikirandamuke cīhaya ubupfu.


Nari nzi k’udakūrwa kw ijambo, kandi kw izosi ryawe ari nk’umutsi umeze nk’icuma, n’uruhanga rwawe ari nk’umuringa:


N’ifarasi irikw amatandiko; n’impfizi y’impene; N’umwami, ari we rutarindwa.


Yakobo yishura Farawo, at’ Imyaka y’ukuyerera kwanje kw isi n’ijana na mirongwitatu: iyo myaka mbayeho ibaye mike kandi mibi, ntingana n’imyaka ba sogokuruza bamaze, mu misi y’ukuzenzagira kwabo.


Mwana wanje, utinye Uhoraho, bo n’umwami, Kandi ntukifatanye n’abagarariji:


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite