Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Umusiguzi 8:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Mmaze gushira umutima wanje ku kumenya ubgenge no kwitegereza igikorwa gikorerwa kw isi — kuko har’ Uwo amaso yiwe atabona agatiro, ari ku murango canke mw ijoro —

Gade chapit la Kopi




Umusiguzi 8:16
11 Referans Kwoze  

Kukw imisi yiwe yose ar’ imibabaro, kand’ umuruho wiwe ar’ intuntu; mbere no mw ijoro na ho umutima wiwe nturonka akaruhuko. Ivyo na vyo nyene n’ubusa.


Nashize umutima wanje ku kuronderesha ubgenge no kubuserangurisha ibikorerwa musi y’ ijuru vyose: n’umuruho ugoye, Imana yahaye abana b’abantu ng’ ubaruhishe.


Bibaruhiriza ubusa kuzinduka kare, mugateba cane kuruhuka, Mukarya umutsima w’ubutame: Uwo akunda abimuhēra mw itiro.


Ivyo vyose naravyiboneye, nashize umutima ku gikorwa cose gikorerwa musi y’izuba: har’ igihe umuntu umwe agira ububasha ku wundi bgo kumugirira nabi.


kukw atazi ikizobaho; none ni nde yomubarira ingene bizomera?


Maze nshira umutima wanje ku kumenya no gusesa no guserangura ubgenge n’ inyanduruko z’ibintu, no kumenya kw icaha ar’ ubupfu, kandi k’ubupfu ar’ ibisazi.


Agatiro k’umunyabikorwa kararyoha, n’iy’ ariye bike canke vyinshi: ariko gufunereza kw’umutunzi kumubuza gusinzira.


Har’ umuntu w’inyakamwe, atagira uwundi; mbere ntagira n’umwana cank’ uwo bavukana; yamar’ umuruho wiwe wose ntugira iherezo, kand’ amaso yiwe ntahāga ubutunzi. Aribaza, ati None nduhira nde, nkiyima ivyiza? Ivyo na vyo nyene n’ubusa, mbere n’umuruho ugoye.


Eh’ ayo nabonye: ku murango nicwa n’indugumba, mw ijoro nkicwa n’ imbeho; itiro rikaguruka ku maso.


Namaze kubona ibikorwa vyose bikorerwa musi y’izuba; nasanze vyose ar’ ubusa, ar’ uguhahamira umuyaga.


Kandi nashize umutima wanje ku kumenya ubgenge, no ku kumenya ubujuju n’ubupfu ivy’ ari vyo: na vyo nyene nabonye kw ar’ uguhahamira umuyaga.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite