Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Umusiguzi 8:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Maze rero nca nshima ibinezereza, kukw ata ciza umuntu yogira musi y’izuba kirusha iki: kurya no kunywa no kunezerwa; kukw ivyo bizogumana na we mu butame bgiwe imisi yose y’ukubaho kwiwe, iyo Imana yamuhaye musi y’izuba.

Gade chapit la Kopi




Umusiguzi 8:15
11 Referans Kwoze  

Nta kigirira umuntu ikimazi kurusha kurya no kunywa, no kunezeresha umushaha wiwe ivyiza mu butame bgiwe. Ivyo na vyo nabonye ko biva mu kuboko kw’Imana.


Eh’ ico nabonye kibereye kandi c’igikundiro: n’umuntu kurya akanywa, akanezererwa ivyiza bivuye mu butame bgiwe bgose, ubg’ atamira musi y’izuba, imisi yose y’ukubaho kwiwe, iyo Imana yamuhaye: kukw ivyo ari vyo mugabane wiwe.


Wihanize abatunzi bo mu vy’ iki gihe, boye kwibona, canke kwishimira ubutunzi butar’ ubgo kwishimirwa, ariko bishimire Imana, iduha vyose bisēsekaye, ngo tubinezererwe;


Ni co catumye mbona yukw ata kintu kirenze ibi, umuntu kunezererwa ibikorwa vyiwe; kukw ico ari co mugabane wiwe: none ni nde azomugarukana kurāba ibizobaho hanyuma yiwe?


Uhoraho angerera imbabazi ziwe ku murango, No mw ijoro indirimbo yiwe yamana nanje, Ni yo nsengesha Imana y’ ubugingo bganje.


Nibgiye mu mutima wanje, nt’ Enda nkugeragereshe ibinezereza; nuko rer’ uhimbarwe n’ivyiza: kandi rāba n’ivyo na vyo vyabaye ivy’ ubusa.


Niziganguye mu mutima wanje uko nonezeresha umubiri wanje vino, umutima wanje ukindōngōresha ubgenge, n’ingene nokurikira ubupfu, kugira ngo mbone ivyo abana b’abantu bakwiye gukorera musi y’ijuru imisi yose y’ukubaho kwabo.


Ikintu cose amaso yanje yifuza sinakiyima, kandi sinabujije umutima wanje ikinezereza na kimwe, kand’ umutima wanje wanezerezwa n’ubutame bganje bgose; kand’ ivyo bimbera umugabane uvuye mu butame bganje.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite