Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Umusiguzi 8:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Harih’ ic’ ubusa gikorerwa kw isi; n’uko har’ abagororotsi bagirirwa ibikwiranye n’igikorwa c’abanyakibi, hakabaho n’abanyakibi bagirirwa ibikwiranye n’igikorwa c’abagororotsi: navuze yukw ivyo na vyo nyene ar’ ubusa.

Gade chapit la Kopi




Umusiguzi 8:14
16 Referans Kwoze  

Ivyo vyose narabibonye mu misi yanje yapfuye ubusa: har’ aho umugororotsi akenyuka kand’ agororotse, kandi har’ aho umunyakibi aramba kand’ akora ibibi.


Noneh’ abībone ni bo twita abanyehirwe, mber’ abakora ibibi bagirwa abakomeye; ushime bagerageza Imana bagakira.


Umunyabgenge amaso yiwe aba mu mutwe, arikw igipfu co kigendera mu mwiza: yamara nabonye yukw iherezo rya bompi ari rimwe.


Kuko nagirira ishari abībone, Aho nabona abanyakibi baguwe neza.


N’iki gituma abanyakibi babaho, Bakīsāzira, mbere bakarushiriza kugira inkomezi?


Ewe Uhoraho, iyo nkubūranije uboneka k’ugororotse; yamara na ho nyene nogomvye ko dusiguzanya: mbeg’ igituma abanyakibi bagenda bagubga neza mu kubaho kwabo n’iki? N’iki gituma abaryarukanyi bose bidibamira ngaho?


Har’ ikibi nabonye musi y’izuba, umenga n’ifuti ryavuye k’ ūganza:


Har’ umuntu w’inyakamwe, atagira uwundi; mbere ntagira n’umwana cank’ uwo bavukana; yamar’ umuruho wiwe wose ntugira iherezo, kand’ amaso yiwe ntahāga ubutunzi. Aribaza, ati None nduhira nde, nkiyima ivyiza? Ivyo na vyo nyene n’ubusa, mbere n’umuruho ugoye.


Maze mbona ubutame bgose n’ igikorwa cose c’ubuhinga, yuko kubg’ ivyo umuntu agirirwa ishari na mugenzi we. Ivyo na vyo n’ ubusa, no guhahamira umuyaga.


Mur’ ivyo vyose Yobu ntiyakoze icaha, canke ngw aherereze amafuti ku Mana.


Rāba mwebge mwese ubganyu mwaravyiboneye; None se n’iki gitumye muba abatagira ico bamaze na mba?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite