Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Umusiguzi 8:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Nah’ umunyavyaha yokora ikibi ibihetangabo ijana, akaramba cane, yamara ndazi kw abubaha Imana ari bo bazoba amahoro, abayubaha bari mu nyonga zayo;

Gade chapit la Kopi




Umusiguzi 8:12
34 Referans Kwoze  

Arikw abagwaneza bazoragwa igihugu, Bazonezererwa amahoro y’ umusēsekara.


Umwami Imana arazi gukiza abamwubaha ibibagerageza, no kurinda abagabitanya bahanwa gushitsa ku musi w’amateka,


Ivyo vyose narabibonye mu misi yanje yapfuye ubusa: har’ aho umugororotsi akenyuka kand’ agororotse, kandi har’ aho umunyakibi aramba kand’ akora ibibi.


Ndazi yukw ico Imana ikora cose kizokwamaho: nta kintu gishobora kwongerwa kuri co, kandi nta kintu gishobora gukūrwa kuri co: Imana ni yo yagikoze, kugira ngw abantu bayubahe.


Mbega har’ ico biriko, nah’ Imana yagomvye kwerekana uburake bgayo, no kumenyesha ubushobozi bgayo, namba yihangananiye imbabazi nyinshi inzavya z’ukuraka, ziteguriwe guhona;


Imbabazi zayo ziri ku bayubaha ku buzukuru no ku buzukuruza‐kuruza babo:


Ariko kuk’ ufise umutima ukomantaye utihana, wirindiriza uburake buzoba ku musi wo kuraka, ah’ amateka abereye y’Imana azohishurirwa,


Maz’ Umwami azobgira abar’ i buryo bgiwe, ati Ni muze, abo Data yahezagiye, muragwe ubgami mwateguriwe, uhereye ku kuremwa kw’isi.


Ivyiza n’uko bimwe ubifata, ibindi na vyo ntubikūrek’ ukuboko: kuk’ uwubaha Imana azokwikiza mur’ ivyo vyose.


Kand’ iki na co n’ikibi gikomeye, yuk’ uko yaje kwose ari kw azogenda: non’ afise inyungu ki mu buruhe yaruhiye umuyaga?


Ivyago bikurikirana abanyavyaha, Arikw abagororotsi bazohērwa ivyiza.


Azoha umugisha abubaha Uhoraho, Aboroshe n’abahambaye.


Haleluya! Hahirwa uwubaha Uhoraho, Agahimbarwa cane n’ivyagezwe vyiwe.


Musenge Uhoraho mwubashe, mushazishije ukwera: Yemwe abari mw isi mwese, muhindire agashitsi imbere yiwe.


Yemwe abari mw isi mwese, muhindire agashitsi imbere yiwe: Isi na yo irashimangiye, ntishobora kunyiganyiga.


Nta wundi yigeze kwīgira umugurano wo gukora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi nka Ahabu, yavyohejwe n’umwamikazi wiwe Yezebeli.


Ntimukaburye, kugira ngo mube mu vyiza, mwe n’abana banyu bazovuka hanyuma, kuko muzoba mukoze ivyo Uhoraho abona ko bitunganye.


Imana igirira neza abo bākirizi; iryo hanga rica riragwira, riba igisata.


Kandi muze mwitondere amabgirizwa yiwe n’ ivyagezwe vyiwe, ivyo mbagera uyu musi, kugira ngo mube mu vyiza, mwe n’abana banyu bazovuka hanyuma, kugira ngo mwame mu gihugu Uhoraho Imana yanyu abahaye kugeza ibihe bidashira.


Aya majambo yose mbageze muze muyitondere, muyumvire, kugira ngo mube mu vyiza, mwe n’abana banyu bazovuka hanyuma gushitsa ibihe bidashira, kuko muzoba mukoze ivyo Uhoraho Imana yanyu abona kw ari vyiza kandi bitunganye.


Ibikorwa vy’amaboko yawe bizogutunga, Uzonezerwa, uzohirwa.


Kuko mu nzozi nyinshi harimw’ ubusa, no mu magambo menshi n’uko: ariko weho, wubahe Imana.


Vyose vyarumviswe: indunduro yavyo n’iyi: Wubahe Imana, witondere ivyagezwe na yo; kukw ivyo ari vyo bibereye rwose umuntu wese.


Ariko noneho, uburake bgayo ko butātumye ihana, Ntinababare cane ivy’ amanyama,


Hahirwa umuntu yama yiyubara; Arik’ uwikomantaza umutima azogwa mu vyago.


Ntibarīcīsha bugufi gushitsa no kur’ uyu musi, ntibaratinya, ntibaragendera mu vyagezwe vyanje, canke mu mabgirizwa yanje, ivyo nashize imbere yanyu n’imbere ya ba sogokuruza.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite