10 Kand’ ikigeretseko nabonye abanyavyaha bahambga, bīgīriye; n’abakoze ibiroranye bīgīra bavuye ahantu hēra, bakibagirana mu gisagara: ivyo na vyo nyene n’ ubusa.
Ereg’ abariho baba bazi ko bazopfa; arikw abapfuye nta co baba bakizi, kandi nta mpēra baba bakibona; kuko kwibukwa kwabo kuba kwaramaze kwibagirana.
Ar’ umunyabgenge, ar’ igipfu, nta wuzohora yibukwa ibihe vyose; kuko mu misi izoza bose bazoba bamaze kwibagirana. Ereg’ umunyabgenge apfa nk’ukw igipfu gipfa na co!
Kwibuka umugororotsi kurimw’ umugisha, Arikw izina ry’umunyavyaha rizozimangana.
Ariko, umugororotsi wanje azobeshwaho n’ukwizera, Na ho ni yiyonjorora ntazohimbara umutima wanje.
Bahagarika ivyabona vy’ibinyoma, baravuga, bat’ Uyu muntu nta ho ahumeka gutuka aha hantu hēra n’ivyagezwe:
Hanyuma rero wa mworo arapfa, abamarayika bamujana mu gikiriza ca Aburahamu: na nya mutunzi arapfa, arahambga.
Ewe Uhoraho, vyizigiro vy’Abisirayeli, abagutaye bose bazorimarima; abakuvako bazokwandikwa mu mukungugu gusa, kuko bataye Uhoraho, ari we sōko y’amazi y’ ubugingo.
Ivy’ ibihe vyahise ntibicibukwa, kand’ ivy’ ibihe bizoza ntibizoba bicibukwa n’abazobikurikira.
Nibagiranye nk’uwapfuye, atacibukwa: Mmeze nk’ikibumbano kimenetse.
Bakaba nk’ibishingwe bitwarwa n’umuyaga, Nk’umuguruka utumurwa n’ igihuhuta?
maze muri co haboneka umworo w’umunyabgenge, arokoza nya gisagara ubgenge bgiwe: yamara ntihaba hakigira umuntu yibuka wa mworo.