Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Umusiguzi 8:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Ni nde ameze nk’umunyabgenge? Ni nde azi ukw ikintu gisobanurwa? Ubgenge bg’umuntu buzana umuco mu maso hiwe, bukahakūra iminkanyari.

Gade chapit la Kopi




Umusiguzi 8:1
27 Referans Kwoze  

Abicaye mw ikombe bose bamuhanze amaso babona mu maso hiwe, hasa n’ah’ umumarayika.


ihanga rigendana ijisho rikaze, ritazosonera abashaje, canke ngo rigirire abana akagongwe.


irya mbere mukwiye kumenya, n’ukw ata jambo ry’abāvugishwa n’Imana ryo mu vyanditswe rishobora gusobanurwa nk’uk’ umuntu avyigombera,


Arik’ Umwami wacu ni we yampagarikiye, arandemesha, kugira ng’ ubutumwa buvugwe nanje butagabanije, abanyamahanga bose babgumve. Nuko mva mu menyo y’intambge.


Kandi none, Mwami, rāba agahahirizo kabo, uhe abasavyi bawe kuvuga ijambo ryawe bashize amanga rwose:


Babonye ugushira amanga kwa Petero na Yohana, kandi babona ko batigishijwe, atar’ abanyabgenge, baratangara; maze bamenya ko bābana na Yesu;


Ubgenge bur’ imbere y’ūkerebutse, Arikw amaso y’igipfu agenda ajarajara gushitsa ku mpera z’isi.


Namba yoba kumwe n’umumarayika, Ari we mushikirwa umwe mu gihumbi, Wo kumenyesha umuntu ukw akwiye kugenza;


Kandi nanje nyene munsengere, kugira ngo mpabge insiguro uko mvuze kwose, mmenyekanishe nshize amanga ibanga ry’ubutumwa bgiza,


Ahinduka ukundi imbere yabo, mu maso hiwe haka nk’izuba, impuzu ziwe zera nk’umuco.


Nuk’ umwami abgira Daniyeli, ati N’ukuri Imana yanyu ni yo Mana nya mana, ni yo Shebuja w’abami, kandi ni yo ihishura amabanga, kuk’ ushoboye guhishura iryo banga.


Umunyabgenge aba uw’ inkomezi, Mber’ umuntu aciye ubgenge yunguka ubushobozi.


No ku gutahura umugani n’ikigereranyo, N’amajambo y’abanyabgenge n’ubupfindo bgabo bapfinda.


Baramwishura, bati N’uko twarose inzozi, kand’ akaba ata wushobora kuzidusobanurira. Yosefu arabishura, ati Mbeg’ Imana si yo Nyene gusobanura? Enda ni muzindotorere.


Ni co gituma ukwiye kugamburuka, atari kubgo kurakirwa gusa, ariko no kubg’ ijwi ryo mu mutima.


Umuntu w’umunyakibi nta dusoni agira mu maso, Arik’ umugororotsi yitondera inzira ziwe.


Abisirayeli bakabona mu maso ha Mose haca ibibatsi; Mose akīsubizako wa mwitwikiro, gushitsa yongeye kwinjira ngw abonane n’Uhoraho.


Umuntu ashimirwa ubgenge bgiwe nk’uko bungana, Arik’ ūfise umutima ugoramye baramugaya.


ni yo ihishura ivy’ amabanga y’iyo bihera; ni yo izi ibiri mu mwiza, kand’ umuco ubana na yo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite