26 Nsanga ikintu kirusha urupfu kurura: n’umugore umutima wiwe ar’ imitego n’ururiba, amaboko yiwe akaba imvuto: umuntu wese ahimbara Imana azomukira, arik’ umunyavyaha azofatwa na we.
Akanwa k’abagore b’ivyigenze n’urusumanyenzi rurerure: Kand’ uwo Uhoraho yazinutswe azorugwamwo.
Kuk’ umuntu ayihimbaye imuha ubgenge no kumenya n’umunezero: arik’ umunyavyaha imuha umuruho, ngw akumakume arundanye, akazobiha ūhimbaye Imana. Ivyo na vyo n’ubusa, no guhahamira umuyaga.
Kandi ngo bigukize umugore w’icigenze, Mber’ igukize umunyamahangakazi ahemanisha amagambo yiwe,
Ariko wa wundi ntaba azi kw imizimu ari ho iri, Kandi kw abatumire biwe baba i bgina i kuzimu.
Maz’ abantu ba Farawo baramubaza, bati Mbeg’ uriya azogeza ryari kutubera icago? Reka abo bantu bagende, baje gusaba Uhoraho Imana yabo: aho nturabona ko Egiputa hapfuye?
Kukw icagezwe ar’ itara, kand’ amabgirizwa ar’ umuco; Kand’ uguhana kw’ukwigisha ar’inzira y’ubugingo:
Ngo bikurinde umugore w’ umunyakibi, N’uguhemana kw’ururimi rw’ umugore w’icigenze.
Ehe ngiki ico nabonye, ni k’Umusiguzi agize, mmaze kugereranya kimwe n’ikindi ngo mmenye inyanduruko zavyo;
Iryo joro na ryo bongera gutereka se, umutoya ava hasi, aryamana na we; maze ntiyamenya ingen’ uyo na we yaje kuryama n’ingene yavyutse.
nta wunduta mur’ uru rugo, kandi nta co yisigarije ngw akinyime atari wewe, kuk’ ur’ umugore wiwe: none noshobora nte gukora icaha kingana girtyo, ngacumura ku Mana?