Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Umusiguzi 7:25 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Maze nshira umutima wanje ku kumenya no gusesa no guserangura ubgenge n’ inyanduruko z’ibintu, no kumenya kw icaha ar’ ubupfu, kandi k’ubupfu ar’ ibisazi.

Gade chapit la Kopi




Umusiguzi 7:25
17 Referans Kwoze  

Intango y’amagambo yo mu kanwa kaco n’ubupfu, kand’ iherezo ry’ibivuye mu kanwa kaco n’ibisazi vy’icago.


Ehe ngiki ico nabonye, ni k’Umusiguzi agize, mmaze kugereranya kimwe n’ikindi ngo mmenye inyanduruko zavyo;


Bituma nisubiramwo mpebuza umutima wanje ku vy’ubutame bganje bgose, ivyo natamiye musi y’izuba.


Maze ndibaza mu mutima wanje, nt’ Iherezo ry’igipfu ni ryo rizoba iherezo ryanje; none se, kumurusha ubgenge vyammariye iki? Maze ndavuga mu mutima wanje, yuko na vyo ar’ ubusa.


Maze ndahindukira ngo nitegereze ubgenge n’ubujuju n’ubupfu: non’ umuntu azosubira ku ngoma akurikiye umwami azogenza ate? Azokora icari carakozwe nyene.


Nk’ukw imbga isubira ku vy’ idashwe, Ni kw igipfu gisubira ku bupfu bgaco.


Umuntu yopfuma ahūra n’ igikōko citwa idubu ciciwe ibibgana vyaco, Hakw ahūrira n’igipfu mu bupfu bgaco.


Na we aramwishura, at’ Oyaye, mwana wa data, reka kunyambika ibara, kuko ben’ ivyo bidakwiye gukorwa mu Bisirayeli; reka gukora ikizira nk’ico.


Va hasi, ubgire abantu biyeze, ut’ Umusi w’ejo uz’ ushike mwiyejeje, uti Ni we nyene abivuze, Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, ngo Yemwe Bisirayeli, muri mwebge harih’ ivyagizwe inyegu yiwe; uti Ntimugishobora guhagarara imbere y’abansi banyu gushitsa mubikūye muri mwebge.


Bene Yakobo bumvise ivyabaye, bava iyo baragiye, barataha: kandi barababara, bararaka cane, kuko yakoze ikizira ku Bisirayeli, ni co kuryamana n’umukobga wa Yakobo, ar’ikidakwiye gukorwa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite