Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Umusiguzi 7:24 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

24 Ibiri kure, bikaba i bgina iyo bihera, ni nde yoshobora kubishikīra?

Gade chapit la Kopi




Umusiguzi 7:24
11 Referans Kwoze  

Yō, uburebure bg’amajepfo bg’ubutunzi bg’ubgenge no kumenya vy’Imana! Imigabo yayo ntishoboka kubariritswa, n’inzira zayo ntizigira akehe!


ni yo yonyene ifise ukudapfa, iba mu muco utēgērwa, ata muntu yigeze ayibona, ata wushobora kuyibona. Icubahiro n’ubushobozi bidashira bibe ivyayo. Amen.


Kumenya ben’ ukwo n’igitangaza ntobasha; Kuransiga, simbasha kugushikīra.


Maz’ ibgira abantu, Iti Rāba kwubaha Uhoraho ni bgo bgenge, Kandi kuva mu vyaha ni kwo gutahura.


Ukugororoka kwawe guhwanye n’imisozi miremire y’ Imana, Amateka yawe ameze nk’ amazi maremare yo mw idamba. Uhoraho, ni wewe uzigama abantu n’amatungo.


Īshobora vyose nta ho twoshobora kuyiserangura: ifise ububasha bunyomoje; Kand’ ica imanza zibereye, igira ukugororoka kwinshi: Nta ho idendereza.


ni ho nitegereje igikorwa cose c’Imana, yuk’ umuntu adashobora gutahura igikorwa gikorerwa musi y’izuba: kuk’ umuntu naho yokovya ate mu kugiserangura, atoruha agitahura; mbere nah’ umunyabgenge yokwibgira kw akimenye, na we nyene ntazoshobora kugitahura.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite