Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Umusiguzi 7:23 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Ivyo vyose nabigerageje mu bgenge; naravuze, nti Nzoba umunyabgenge; ariko bgambaye kure.

Gade chapit la Kopi




Umusiguzi 7:23
9 Referans Kwoze  

Biyise abanyabgenge bacika ibipfu,


Umunyabgenge ari hehe? Umwanditsi ari hehe? Umunyabihāri wo mur’ iki gihe ari hehe? Mbeg’ Imana ntiyahinduye ubupfu ubgenge bg’iyi si?


kukw Imana izi yuk’ umusi mwabiriyeko, amaso yanyu azokwihweza, mukamera nk’ Imana ku vyo kumenya iciza n’ikibi.


Ikintu cose yakiremye ari ciza mu gihe caco: kandi yashize ivyiyumviro vy’ibihoraho mu mitima yabo, nah’ umuntu adashobora guserangura igikorwa Imana yakoze uhereye kw itanguriro ugashitsa kw iherezo.


kuko kenshi na kenshi uzi mu mutima wawe nawe nyene ko watutse abandi.


ni ho nitegereje igikorwa cose c’Imana, yuk’ umuntu adashobora gutahura igikorwa gikorerwa musi y’izuba: kuk’ umuntu naho yokovya ate mu kugiserangura, atoruha agitahura; mbere nah’ umunyabgenge yokwibgira kw akimenye, na we nyene ntazoshobora kugitahura.


Kandi nashize umutima wanje ku kumenya ubgenge, no ku kumenya ubujuju n’ubupfu ivy’ ari vyo: na vyo nyene nabonye kw ar’ uguhahamira umuyaga.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite