Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Umusiguzi 7:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Ni vyiza kuja mu nzu y’abagandaye kuruta kuja mu nzu y’intumire: kukw ari ryo herezo ry’abantu bose, kand’ ūkiriho abishirak’ umutima.

Gade chapit la Kopi




Umusiguzi 7:2
29 Referans Kwoze  

Utwigishe guharūra imisi yacu Uburyo butuma dutunga imitima y’ubgenge.


Iyo baba abanyabgenge bokwibajije ibi, Bakiyumvira ivy’ iherezo ryabo.


Kandi nk’ukw abantu bābīkiwe gupfa rimwe, hanyuma yaho hakaza amateka,


arababarira, ati Mushire imitima yanyu ku majambo yose mbabariye uyu musi, muze muyatoze abana banyu kugira ngo baze bitondere amajambo yose y’ivyo vyagezwe, babishitse.


iherezo ryabo n’uguhona, imana yabo n’inda, biratana ibiteye isoni vyabo, ivy’ isi ni vyo bababaye.


Hahirwa abatuntuye, kukw ari bo bazokwirurwa.


None rero, uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Ni mwitegereze uko mumeze!


Urīyāga, uti Nzoba umugabekazi ibihe bidashira. Ivyo ntiwarushe ubishirak’ umutima, canke ngo wibuke iherezo ryavyo.


Ni nde yoshobora guharūra umukungugu, ari bo ba Yakobo? Canke ngw aharūre n’ikigira kane c’Abisirayeli? Icompa nkazokwipfira nk’ukw abagororotsi bapfa, Iherezo ryanje rikazoba nk’ iryabo!


Ni mwanka kwumva, mukanka kurishirak’ umutima, ntimuheshe izina ryanje icubahiro, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, nzobavuma wa muvumo, n’imigisha yanyu nzoyivuma; mbere mmaze no kuyivuma, kuko mutarishizek’ umutima.


Umunyabgenge amaso yiwe aba mu mutwe, arikw igipfu co kigendera mu mwiza: yamara nabonye yukw iherezo rya bompi ari rimwe.


Ar’ umunyabgenge, ar’ igipfu, nta wuzohora yibukwa ibihe vyose; kuko mu misi izoza bose bazoba bamaze kwibagirana. Ereg’ umunyabgenge apfa nk’ukw igipfu gipfa na co!


Kukw iherezo ry’abana b’abantu ari ryo herezo ry’ibikōko; iherezo ni rimwe: nk’uko bapfa ni ko bipfa; mbere vyose bihumeka kumwe, kand’ umuntu nta co asumbije ibikōko: kuko vyose ar’ ubusa.


Vyose bija ahantu hamwe; vyose biva mu mukungugu, kandi vyose bizosubira mu mukungugu nyene.


mbere naho yoba yararamvye imyaka ibihumbi bibiri: mbega bose itāhiriro si rimwe?


Vyose bibashikako kumwe bose: iherezo ni rimwe ku mugororotsi no ku munyakibi; ku munyangeso nziza no ku wejejwe no ku wuhumanye; ku muntu atanga ibimazi no ku muntu atabitanga: nk’uk’ umunyangeso nziza ameze, ni k’umunyavyaha ameze; nk’uk’ ūrahira ameze, ni k’ūtinya indahiro ameze.


Ubu n’ubuyobe mu bikorerwa musi y’izuba vyose, yukw iherezo rya bose ari rimwe: mbere, mu mitima y’abana b’abantu huzuyemw’ ibibi, kandi bakiriho, ubusazi buba mu mitima yabo, hanyuma bakitāhira mu bapfuye,


Kandi ntuze winjire mu nzu y’amazimano ngo wicarane na bo, usangire na bo.


Ereg’ abariho baba bazi ko bazopfa; arikw abapfuye nta co baba bakizi, kandi nta mpēra baba bakibona; kuko kwibukwa kwabo kuba kwaramaze kwibagirana.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite